Accueil > Amagara y’abantu > Akamaro ko kwonsa ku muvyeyi no ku mwana yonka
Akamaro ko kwonsa ku muvyeyi no ku mwana yonka
samedi 30 Myandagaro 2014
Kenshi abaganga barakunda guhimiriza abavyeyi kwonsa abana babo bakavuga ko amaberebere ari ingaburo idasubirizwa ku mwana yonka. Bigatuma umuntu yibaza ati : Mbega none akamaro kotuma umuvyeyi yitaho kwonsa umwana wiwe ni akahe?
Abashakashatsi baguma batora gushika uy’umusi ingirakamaro z’amaberebere kuko ari ingaburo y’umwana ikomeye cane umwana akura ku muvyeyi wiwe, kandi ko ata kintu coyasubirira.
Ingarakamaro ku mwana n’uko amaberebere arimwo ivy’uruyoya rukeneye kugira rukure neza mu mubiri no mu bwenge (développement physique et intellectuel), agatuma ibihimba vyo munda bikura neza, abasoda bo mu mubiri bagakomera.
Amaberebere arakingira umwana yonka gucibwamwo, indwara zo guhurirwa, zo mu mahaha, zo mu matwi. Akaba arimwo ingaburo n’ivyunyunyu nkenerwa ku ruyoya, bifasha ubwonko (cerveau) bwiwe gukura neza, kandi bigatuma ashobora kubona neza (vision). Umwana yonka neza akaba afise amahirwe menshi yo kutarwaragurika nk’umwana atonkejwe, kuko amaberebere amukingira indwara nyinshi nka mugiga (meningite), indwara y’igisukari (diabète), kuvyibuha birenze urugero (obésité), ibigoga (angine) n’izindi.

Ku muvyeyi yonsa nawe nyene bavuga ko kwonsa ari vyiza cane ku magara yiwe : kwonsa gushika ku mezi 12 biragabanya gushobora kugwara kanseri y’ibere (cancer du sein) ku bice 30 kw’ijana. Kwonsa gushika ku mezi 2 biragabanya gushobora kugwara "cancer des ovaires". Ukwonsa biragabanya gushobora kugwara kanseri yo mu gitereko (cancer de l’uterus) no kuvirirana inyuma yo kavyara hamwe no kubura amaraso (anémie), kuko bituma umuvyeyi adasubira vuba mu butinyanka (règles). Biragabanya kuguma mu mwitwarariko urenze (stress).
Ikindi nyamukuru n’uko kwonsa bituma ubucuti hagati y’umwana n’umuvyeyi wiwe bukomera cane, umwana akumva ashigikiwe, akunzwe n’uwamuvyaye. Ivyo vyose bigatuma ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS), ishirahamwe ryitaho ineza y’abana (UNICEF) n’abaganga, bahimiriza abavyeyi kwonsa abana gushika ku mezi 6 ata kindi bamuha, hama bakabandanya bonsa gushika ku myaka 2 bamuha n’izindi mfungurwa, kuko izo ngaruka nziza zose twavuze zivana n’ikirongo umwana yonse.
Nadège Irakoze