Accueil > Amagara y’abantu > Bujumbura: Abantu batari bake basuzumwe indwara zikomeye n’abaganga (...)
Bujumbura: Abantu batari bake basuzumwe indwara zikomeye n’abaganga b’abahindi
mardi 26 Munyonyo 2013
Abantu isinzi nibo bituye abaganga b’abahindi batatu bavura indwara z’umutima, amafyigo na kanseri mu gihugu c‘Uburundi, kuri uno musi wa kabiri bakaba bariko bakorera ku bitaro Clinique Prince Louis Rwagasore i bujumbura.
Inyuma y’akamo katewe ko hari abaganga bavura ku buntu indwara z’amafyigo, kanseri n’umutima bari mu rugendo mu Burundi, ikinyamakuru IGIHE cishikiye ku bitaro bimwe mu vyakiriye abo baganga’’ Clinique Prince Louis Rwagasore’’ kugira kirabe ingene ivyo bikorwa biriko biragenda.

Ibikorwa nyezina vyatanguye igihe c’isaha zine, abantu isinzi nibo bari baje kwisuzumisha. Muganga Raoul Nsengiyumva asanzwe afashanya nabo bahinde, amenyesha ko kugira baze, ari umugambi w’ishirahamwe Appollo hospitals, ni ibitaro 6 vyagiye hamwe kugira bifashe ibihugu bikiri inyuma y’amajambere. Abo baganga bakaba bari bamaze gukorera mu bihugu vyo muri afrika y’Epfo, Nigeriya, Zambiya n’ahandi. Niko ku batumira mu Burundi kuko hasanzwe habuze abaganga nk’abo, nk’uwuvura indwara ya kanseri ntawuhari, ababaga indwara y’umutima baca bigumira hanze, eka n’uwubaga amafyigo (transplantation ) ntawe.

Abarwayi bakaba bashimye kubona baronse abaganga ku buntu, ariko rero abatari bake batahana imyidodombo. Bati :’’ Baduhenze ntibadusuzumye, baratubaza gusa tukavuga ingene turwaye nta kindi, twe twari tuzi ko bakoresha ibikoresho bakaduha n’imiti.’’ Muganga Raoul avuga ko abo baganga bazogaruka mu mezi abiri bazanye ibikoresho vyose bishoboka, ababagwa, babagwe abo bidashoboka barungikwe hanze muri Inde. Ati: ’’ Tuzovugana na Reta twumve ivyo yofasha’’. Muganga Raoul agatera akamo abajejwe amagara y’abantu, ko bokurikiranira hagufi ico kibazo c’ukubura ibikoresho n’abaganga b’abahinga.
Mwomenya ko mu masaha yo ku mugoroba, abo baganga baza kubonana n’abategetsi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira barabire hamwe icokorwa, bakaza guhurira mu nyubakwa Royal palace.


Floxella Karire