Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Bujumbura: Isuku rike riribonekeza mu gisagara
Bujumbura: Isuku rike riribonekeza mu gisagara
vendredi 19 Ndamukiza 2013
Nta n’umwe ayobewe akamaro k’isuku aho tubaye canke aho dukorera, eka kandi nta n’umwe yokwiyibagiza ingorane z’indwara ziterwa n’isuku rike nka kolera amacinya n’izindi…
Muri iyi misi hateye indwara nka kolera mu ma karatiye amwe amwe ari mu gisagara ca Bujumbura, biragaragara ko ata kiraboneka ngo hafatwe ingingo zikomeye kugira izo ngorane z’isuku rike zigabanuke canke zituzwe burundu mu gisagara.
Kuva aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye mu kwezi kwa mbere umwaka w’2013 ,haribonekeza urudandazwa rwo mw’ibarabara usanga ahantu hose uciye.Mu bintu rero bihadandarizwa hakaba harimwo ivyamwa ,imboga aho ukuntu biba vyanzwe hamwe n’ibikwa ryavyo ridashemeye na gato.
Ivyo rero ntibifasha na gato inzego z’amagara y’abantu ziriko mbere ziranagwanya indwara ya kolera yateye muri iyi minsi.
Nko kw’ibarabara ryitiriwe Patrice Lumumba, abadandaza bava munsi ya posita bakayizunguruka gushika iruhande y’ishiramwe onatel. Kw’ibarabara ryitiriwe igihugu ca Kongo naho bahera munsi yahahagarara imiduga iva muma karatiye ya Gasenyi na Nyakabiga. Aho rero ntituvuze abadandaza imyumbati yo guhekenya, ivyema, ibitumbura,n’ibindi biribwa.
Abo badandaza bahuye n’ivyago barasaba ko vyiza baronswa aho bakorera kugira amabarabara asubirane isuku,kandi kugira twikingire hakiri kare.Nivyo kolera yateye mu makaratiye asanzwe abamwo abantu batobato ariko mu minsi n’ababa mu ma karatiye y’abakomeye nabo nyene barashobora gufatwa hanyuma igisagara kikizizirwa n’indwara nk’izo mu gihe ababijejwe boguma bica amatwi.
Abanyagihugu twaganiriye rero bakaba basaba ababijejwe bose ko bohagurukira ico kibazo c’isuku mu gisagara ca Bujumbura kugira igisagara cacu kibe ic’akarorero.
Aristide Nizigire
Messages
20 Ndamukiza 2013, 03:05, par claire
Mbe kuberik abo bantu batabakur ngaho?