Accueil > Amagara y’abantu > Burundi: Indwara « Drépanocytose » imaze guhitana abana batari (...)
Burundi: Indwara « Drépanocytose » imaze guhitana abana batari bake
mercredi 4 Kigarama 2013
Drépanocytose, n’indwara yo mu maraso, iheruka gutorwa kw’ibaho vuba mu Burundi. Kuva mu mwaka w’2011, ikaba imaze guhitana ababa bagera ku 13 600. Nayo abageramiwe akaba ari abana bari hagati y’umwaka umwe n’imyaka itanu.
Bimwe mu bimenyetso vy’iyo ndwara, hari igabanuka ry’amaraso mu mubiri, gukama amazi mu mubiri, ukudatembera neza kw’amaraso mu mitsi, kubura impwemu zikwiye, naho ababa bafashwe n’iyo ndwara baba bagerageje kwikanira mu guhema.
Igiteye umutima uhagaze kuri iyo ndwara drépanocytose kubayanduye, ni ukwo ari indwara y’akaronda kandi ko ari indwara ikarira abirabure kurusha abazungu. Ni ukuvuga ko, abantu bayikuranye gushika ku myaka yo kugera kwubaka urwabo, akenshi iyo bibarutse, baca bibaruka abana bafise iyo ndwara.

Ariko, nk’uko muganga Gédéon Uwizeyimana asanzwe araba indwara z’akaronda abimenyesha, n’ubwo abavyeyi bafise iyo ndwara Drépanocytose bibaruka abana bayifise, umwana wa mbere bibarutse, iyo ndwara ntimwandukira kuko uwo mwana aba akingiwe ubwiwe. Muganga Uwizeyimana arahumuriza abavyeyi kuko urucanco rw’iyo ndwara rwabonetse kandi ko no mu Burundi ruhari. Agasaba abagabo bose bageze kwubaka urwabo ko bobanza kwipimisha imbere yo gushinga urwabo, bakaraba ko ata ndwara y’akaronda bafise. Mu gihe bosanga bayifise bagaca biteza inshinge zo kwikingira no gukingira abana bazokwibaruka.
Mwomenya ko, mu nama yari yabereye mu ntara ya Ngozi kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 2 Kigarama 2013 ku bijanye n’abanyamwema, muganga Uwizeyimana yahamagariye abaforoma bose kwigisha no kumenyesha abarwayi hamwe n’abakenyezi bibungenze ko urucanco rw’indwara ya Drépanocytose ruhari mu Burundi.
Mariella Bukuru