IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN 2016: Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda utahanye amanota 3 ya (...)

CHAN 2016: Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda utahanye amanota 3 ya mbere

samedi 16 Nzero 2016

Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda Amavubi watahukanye amanota atatu ya mbere mu rukino rwuguruye ihiganwa rihuza ibihugu,bikinisha abakinyi bakinira mu bihugu vyabo CHAN ririko ribera muri ico gihugu.

Muri urwo rukino rwahuje umurwi w’Urwanda n’uwa Cote d’Ivoire,imirwi yose yaba uwo Urwanda canke uwa Cote d’Ivoire yatanguye yerekana ko ikeneye intsinzi ariko umurwi w’Urwanda utsinda igitsindo ca mbere ku munota wa 16 cinjijwe na Bayisenge Emery kuri Coufrant.

Igice ca mbere carangiye ari igitsindo kimwe ku busa naho nyene imirwi yasa n’iyinganya amanota,kuko umurwi w’Urwanda wari ufise ibice 51 kw’ijana mu gihe umurwi wa Cote d’Ivoire wari ufise ibice 49 kw’ijana.

Mu gice ca kabiri,umurwi wa Cote d’Ivoire waje nawo ushaka kwinjiza igitsindo. Urukino rugomba rurangire ku munota wa 88,umusatirizi wa cote d’Ivoire Guiza yateye umupira ukubita ku giti co hejuru c’izamu.

Urukino rwarangiye ari igitsindo kimwe c’Urwanda ku busa bwa Cote d’Ivoire.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.