Accueil > Amagara y’abantu > Chine: ukuribwa n’inzuki ni “umuti” mu buvuzi kavukire
Chine: ukuribwa n’inzuki ni “umuti” mu buvuzi kavukire
mardi 13 Myandagaro 2013
Mu bintu bitinyitse kubera bibabaza harimwo ukuribwa n’uruyuki. Ariko muri Chine, hari benshi babirondera hasi hejuru. Kuko mu buvuzi kavukire bwaho, ukuribwa n’uruyuki, ni umuti mu yindi.

Nkuko bivurwa n’uwitwa Wang Menglin, umuganga avuza ubuhinga kama akaba yanagize ubushakashatsi ku nzuki ku giti ciwe, ukuribwa n’uruyuki ni umuti. Wang Menglin akaba amaze kubivuza abarwayi bagera ku 27 000. Umurwayi umwe ashobora kuribwa n’inzuki incuro zigera kuri 12. Wang ati: “Dufata uruyuki ku mutwe, hama tukarufyondera ku gace ku mubiri w’umurwayi aho dushaka ko rumurya".

Ubwo buhinga ariko ntibwemerwa n’urubuga ngurukanabumenyi rw’abahinga mu buvuzi bo muri Leta Zunzubumwe z’Amerika (sciencebasedmedicine.org). Urwo rubuga rumenyesha ko ubwo buhinga ataribwo. Ko ubwo buhinga butarerekanwa neza ko bukora. Ubwo buryo bwo kuvura bavuga ko ari “ukuvuza ibintazi”. Ariko kubwo umurwayi mubavuwe na Wang Menglin, imbere y’uko aja kw’ivuza kwa Wang yarafise cancer y’amahaha hamwe n’ikivyimba co mu bwonko. Aho bamuha amahirwe yo kubaho umwaka 1 gusa. Ariko avuwe na Wang, hakoreshejwe inzuki, amahirwe y’arwijwe na kabiri.

Mu bavuga ko ubwo buhinga bwo kuvura atari bwo harimwo n’ishirahamwe ry’abanyamerika ryishinze ukurwanya indwara ya cancer, American Cancer Society. Rivugako atabushakashatsi bukwiye buraba ngo bwerekane ko ubwo buryo buvura vy’ukuri indwara ya Cancer. Abahinga b’iryo shirahamwe bati: “ubumara bw’inzuki ntiburagirwako ubushakashatsi ngo bwerekane ko buvura”.
INGABIRE Luc-Noël