IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Cibitoke : Ubukene bw’amazi bwatumye indwara za korera n’amacinya zisubira (...)

Cibitoke : Ubukene bw’amazi bwatumye indwara za korera n’amacinya zisubira gutera

mardi 14 Nzero 2014

Indwara zivuye kw’isuku rike zirabangamiye amagara y’abanyagihugu mu ntara ya Cibitoke, bivanye n’ubukene bw’amazi burangwa ku murwa mukuru w’iyo ntara.

Indwara za korera, amacinya, indwara z’inzoka n’izindi zivuye kw’isuku rike zirabangamiye abanyagihugu bo ku murwa mu kuru w’intara ya Cibitoke. Izo nazo zigaterwa n’uko abanyagihugu batagira amazi meza. Iryo kena rero ry’amazi ya rusengo, rikava kw’irwirirana ry’abantu, mu gihe amazi yari yubakiwe abantu ibihumbi bitanu mu mwaka w’2003, ubu akoreshwa n’abantu barenga ibihumbi mirongo ibiri. Ivyo rero bigaca bitera ingorane, mu gihe ico gitigiri c’abayakoresha ciyongereyeko incuro zine gushika muri uyu mwaka w’2014.

Abanyagihugu ndetse n’abarongoye abandi aho mu ntara ya Cibitoke, basaba Reta kubagarukirako kugira baronswe amazi meza, kandi akwiriye abanyagihugu. Ababa ku murwa mukuru w’iyo ntara bemeza ko uretse yuko ayabonetse aronka uwukomeye, eka n’ukuyagura ntibimworohera. Abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Cibitoke bakamenyesha ko hamwe reta itogira ico ikoze mu maguru ya vuba, indwara ziva kw’isuku rike zigiye kuzobabangamira, ndetse ibitigiri vy’abahitanwa n’izo ndwara navyo bikabandanye kwiyongera, mu gihe hari n’ababura ukwo bagira, bakikoreshereza amazi yo mu myonga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.