Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNLS : Imirwi ibangamiwe gusumba iyindi mu kwandura umugera wa SIDA igiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > CNLS : Imirwi ibangamiwe gusumba iyindi mu kwandura umugera wa SIDA igiye (...)

CNLS : Imirwi ibangamiwe gusumba iyindi mu kwandura umugera wa SIDA igiye kugarukirwa

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Ku munsi ku munsi, kw’isi yose, urwaruka rugera ku 2400 rurandura indwara zifatiye mu bihimba vy’irondoka. Abarenga imiriyoni zitanu bakaba bagendana umugera wa SIDA. Mu Burundi, hakaba hagiye gutangura ibikorwa vyo kurwanya ikiza Sida bahereye ku rwaruka.

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS, abakiri bato na cane cane abafise hagati y’imyaka 10 na 24 barapfa ku mwaka ku mwaka. Abenshi muribo ni ababandanya bagira inyifato zitabereye zisambura ubuzima bwabo bakiri bato. Aho twovuga nko kuguma banywa ibiyayura mutwe bibabuza gukora ivyubaka ubuzima bwabo, gukora amabanga mpuzabitsina batikingiye ari naho bandurira n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.

Nk’uko abagize amatohoza babimenyesha, nivyankenerwa guteza imbere inyifato zibereye ku rwaruka hamwe no gufata ingingo zikingira abo bakiri bato kuri ico cose coza kibononera ubuzima bwabo mu ntumbero yo kubafasha kwubaka kazoza kabo keza.
Mu Burundi, ibikorwa vyo kurwanya ikiza ruhonganda Sida na cane cane ku rwaruka, bikaba bigiye gutangura muri uno mwaka w’2014 gushika mu mwaka w’2017.

Nk’uko vyashikirijwe na Muganga Jean Rirangira, umunyamabanga nshingwabikorwa muri CNLS (Conseil National de Lutte contre le Sida) kuri uwu wa mbere wa 22 Ndamukiza, ivyo bikorwa bizokorwa n’ibisata bitandukanye bikorera hamwe mu kurwanya ikiza SIDA ata n’umwe akumiriwe. Vyongeye, bikazokwisunga imirwi ibangamiwe gusumba iyindi, ariyo mirwi y’abakiri bato hamwe n’iy’abakenyezi bibungenze.

Muganga Jean Rirangira akaba yamenyesheje ko imirwi y’abakiri bato yaba abari mu mashure canke abatarimwo, bazokwongererezwa ubumenyi bw’ukungene bokwirinda umugera wa SIDA hamwe n’inyifato bogira yotuma batandura, na cane cane abakenyezi bibungenze kugira barwanye bimwe vy’umwihariko uwo mugera mu kubungabunga amagara yabo amazi atararenga inkombe.
Muri ivyo bikorwa nyene, bazokwigisha uburyo ubuhinga bwerekana ukungene iyo umuntu yamenye hakiri kare ko yanduye umugera wa SIDA, ashobora kubungabunga amagara yiwe, akabaho neza nk’abandi bantu bose.
Kugira ikiza SIDA gishobore kurwanywa neza, abatunganije ico cirwa bavuga ko hategerezwa gukoreshwa uburyo n’ubuhinga butandukanye buheza bugatanga inyishu itomoye.

Ama Reta nayo akaba asabwa gutanga intererano yayo mu gikorwa co kurwanya SIDA hanyuma uburyo bubonetse nabwo bugaheza bugakoreshwa neza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.