Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ebola : Uwararongoye intumwa za ONU muri Guineée yitavye Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ebola : Uwararongoye intumwa za ONU muri Guineée yitavye Imana

Ebola : Uwararongoye intumwa za ONU muri Guineée yitavye Imana

mardi 18 Munyonyo 2014

Uwararongoye intumwa za ONU ,ziri gufasha kurwanya indwara ya Ebola mu gihugu ca Guinée yitavye Imana kuri uno wa mbere.

Uwo nawe yari umunyarwanda azwi kw’izina rya Marcel Rudasingwa, akaba yari yagenwe mu kwezi kwa Gitugutu uno mwaka n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban ki Moon. Marcel Rudasingwa yaturuka mu gihugu c’ Urwanda ,akaba yitavye Imana afise imyaka 59 y’amavuko. Umwe mu bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akavuga ko atigeze avuga ko hari n’aho yumva ababara. Bakaba barindiriye ibipimo vyo kwa muganga bimenyeshe icamuhitanye icari co. Ariko amakuru ava muri Reta yo, yoba avuga ko yoba yahitanywe n’indwara y’umutima.

Tubamenyeshe ko uwo muhisi yari amaze imyaka 20 yose akorera mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika, nko mu gihugu ca Kenya, Mali hamwe na Guinee. Uwo muhisi kandi yarakoze mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka k’abana UNICEF.


Floxella Karire

Messages

  • ivy’abanyarwanda ntawovyishinga usanga ari kagame yamwivuganye ubona ko incabwenge zo mu rwanda azimarisha twa tuzi twa Général Jack Nziza

  • Ariko Rwose wowe wiyita Kabuga uri muzima Ni nde wakubwiye ko umunyarwanda upfuye aba Azize abagizi ba nabi Kagame ni Perezida wubashywe ufite aho ashikanye igihugu kdi abanyagihugu bizigiye wowe umwita umwicanyi nkande Ntunamuzi ni ukumwumva gusa ujye usigura ivyo uzi mugabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.