Accueil > Amagara y’abantu > Ebola : Uwararongoye intumwa za ONU muri Guineée yitavye Imana
Ebola : Uwararongoye intumwa za ONU muri Guineée yitavye Imana
mardi 18 Munyonyo 2014
Uwararongoye intumwa za ONU ,ziri gufasha kurwanya indwara ya Ebola mu gihugu ca Guinée yitavye Imana kuri uno wa mbere.

Uwo nawe yari umunyarwanda azwi kw’izina rya Marcel Rudasingwa, akaba yari yagenwe mu kwezi kwa Gitugutu uno mwaka n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban ki Moon. Marcel Rudasingwa yaturuka mu gihugu c’ Urwanda ,akaba yitavye Imana afise imyaka 59 y’amavuko. Umwe mu bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akavuga ko atigeze avuga ko hari n’aho yumva ababara. Bakaba barindiriye ibipimo vyo kwa muganga bimenyeshe icamuhitanye icari co. Ariko amakuru ava muri Reta yo, yoba avuga ko yoba yahitanywe n’indwara y’umutima.
Tubamenyeshe ko uwo muhisi yari amaze imyaka 20 yose akorera mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika, nko mu gihugu ca Kenya, Mali hamwe na Guinee. Uwo muhisi kandi yarakoze mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka k’abana UNICEF.
Floxella Karire
Messages
20 Munyonyo 2014, 08:08, par kabuga
ivy’abanyarwanda ntawovyishinga usanga ari kagame yamwivuganye ubona ko incabwenge zo mu rwanda azimarisha twa tuzi twa Général Jack Nziza
20 Munyonyo 2014, 12:20, par dumbuli
Ariko Rwose wowe wiyita Kabuga uri muzima Ni nde wakubwiye ko umunyarwanda upfuye aba Azize abagizi ba nabi Kagame ni Perezida wubashywe ufite aho ashikanye igihugu kdi abanyagihugu bizigiye wowe umwita umwicanyi nkande Ntunamuzi ni ukumwumva gusa ujye usigura ivyo uzi mugabo