IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Ekreziya gatorika yerekanye aho ihagaze ku tegeko rigenga umwuga (...)

Ekreziya gatorika yerekanye aho ihagaze ku tegeko rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru

mercredi 19 Ruheshi 2013

Ekleziya gatolika yaramenyesheje aho ihagaze ku bijanye narya tegeko rishasha rigenga abamenyeshamakuru, aho basiguye ko igikenewe ari ugutora umuti w’ibibazo uhumuriza bose kandi wubahiriza inyungu z’igihugu.

Mw’itangazo baheruka gushira ahabona kuri iryo tegeko ririmwo impari nyinshi, abarongoye ekleziya gaturika mu Burundi bamenyesha ko vyari bikenewe ko ingingo zitariko zirahurizwako zokurwamwo kuko zituma iryo tegeko ryose riboneka nk’irifise utunenge. Amategeko ashirwaho akwiye kuba ahumuriza abantu bose kugira abategetsi birinde ikintu coza kidusubiza inyuma ahubwo kabe akaryo ko gushiraho ukwizerana mu banyagihugu.

Mu gihe indwi zibiri ziheze iryo tegeko riteweko igikumu n’umukuru w ‘igihugu, ekleziya gatorika yamenyesheje ko yafashe ingingo yo kuva mu gacerere kugira yerekana aho ihageze ku bijanye n’ iryo tegeko ryateye impari nyishi.

Nk’uko iryo tangazo ribandanya ribimenyesha, iryo tegeko riratandukanye n’iryo mu mwaka w’2003 kuko ritegeka umumenyeshamakuru kuvuga aho yakuye inkuru kandi riragabanya cane ivyo umumenyeshamakuru akwiye gukorerako.

«Turanezerejwe cane n’inyishu umukuru w’igihugu yatanze, aho yamenyesheje ko ibiganiro bizobandanya ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.”

Abaserukira ekleziya gatorika mu Burundi bakaba barangije basaba ko ababijejwe bose bokora ibishoboka vyose kugira impari ziri muri iryo tegeko zihere, kandi no kwirinda ukutumvikana hamwe no kutabona ibintu kumwe, ahubwo ngo ni ukwicarana kugira batore inyishu kuri ico kibazo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.