Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Francine NIYONSABA yabaye uwa mbere mu gice ca kane gishira ica (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine NIYONSABA yabaye uwa mbere mu gice ca kane gishira ica (...)

Francine NIYONSABA yabaye uwa mbere mu gice ca kane gishira ica nyuma

mercredi 17 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Francine Niyonsaba, umunonotsi rurangiranwa ari mu baserukiye Uburundi mw’ihiganwa rya "Jeux Olympiques" i Rio de Janeiro, yatahukanye ikibanza ca mbere kuri uwu wa gatatu, mu basiganwa ku metero amajana umunani, mu gice ca kane gishira ica nyuma, bose hamwe bakaba bari umunani.

Yaciye aronka amahirwe y’ukubandanya ihiganwa, akazohura mu gice ca kabiri gishira ica nyuma n’abandi babaye aba mbere kuri izo metero amajana umunani.

Francine NIYONSABA niwe yahabwa amahirwe menshi mubo baza guhiganwa bose, kuko abarusha umwanya mwiza yakoresheje mu kwiruka mu mahiganwa aherukamwo.

Uwundi munonotsi rurangiranwa wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, Caster SEMENYA, asanzwe nawe ahabwa amahirwe menshi, nawe nyene yabaye uwa mbere mu murwi w’abo bahiganwe, akazoshobora guhura na Francine Niyonsaba mu gice ca nyuma, mu gihe bompi bosubira kuronka ikibanza ca mbere mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Niyonsaba yakurikiwe na LOVISA Lindh wo muri Suede, Natoya GOULE wo muri Jamaique, hamwe n’abandi batanu inyuma yiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.