Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB Amahiganwa
Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca kabiri
Yanditswe taliki ya 21-08-2016 - isaha 09:27' na IGIHE

Umurundikazi Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca kabiri, mu gice ca nyuma c’abasiganwa ku metero amajana umunani, mw’ihiganwa rya "Jeux Olympiques 2016" ryariko ribera i Rio de Janeiro.

Ikibanza ca mbere catahukanye umunonotsi Caster SEMENYA wo muri Afrika y’epfo yirutse imitero amajana umunani, mu mwanya ungana na 1:55.28. Caster SEMENYA yatsindiye umudari w’inzahabu.

Ikibanza ca kabiri catahukanye umurundikazi Francine NIYONSABA yirutse izo metero amajana umunani mu mwanya ungana na 1:56.49. NIYONSABA yatahukanye umudari w’ifeza.

Ikibanza ca gatatu kirimwo Margaret Wambui wo mu gihugu ca Kenya, yirutse imetero amajana umunani nyene mu mwanya ungana na 1:56.89, atahukana umudari w’umujumbu. Uwo mudari Francine NIYONSABA aronse niwo ugize kabiri uronse Uburundi, mu mateka y’ico gihugu. Umudari wa mbere watahukanwe na Venuste NIYONGABO i Atlanta, mu mwaka w’1996.

Mu kibanza ca nyuma hari umunya Canada Melissa Bishop yirutse izo metero mu mwanya ungana na 1:57.02

Ivyiyumviro vyanyu

Turagukej

28.08.2016 à 21:56
Niyongabo

turakej Francine bimwe bivuye kumutima yaraye ateturuye uburundi turavuz art felicitation

23.08.2016 à 09:05
niyonkuru aristide

ABARUNDI TURAGUKEJE ;

KOMEZ’UTERIMBERRE Nk’UMUZINGA.

21.08.2016 à 22:31
Désiré

Niyonsaba twese abarundi turakuriririmbiye indirimbo yubuhizi yigihugu :
Burundi bwacu Burundi buhire...........
Sangwanurweze sangwanurweze n’Amahoro meza.

21.08.2016 à 16:20
Kanyosha

francine ndagukeje cane urateye iteka igihugu cacu cu burundo Imana iguhezagire terimbere nkumuzinga

21.08.2016 à 16:06
clement

Uvuzukuri !

21.08.2016 à 13:49
Hategekimana J M Vianney

MISS BURUNDI NUWO FRANCINE WEWE AGIZE ICO AMARIRA UBURUNDI ! NAYO ABASIGAYE WAPI. MBE UWO MISS YAMAZE IKI ? ARIKO FRANCINE YAKOZE IBIHAMBAYE KUGIRA ARONKE ICO KIBANZA.

21.08.2016 à 11:09
Murundi

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.