Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Inkino \BB Amahiganwa
Francine NIYONSABA yatahukanye umudari w’inzahabu muri Diamond League
Yanditswe taliki ya 26-08-2016 - isaha 08:41'

Francine NIYONSABA, umunonotsi w’umurundikazi yaheruka gutahukana ikibanza ca kabiri ku metero amajana umunani mw’ihiganwa rya "Jeux Olympiques", yasubiriye gutera iteka igihugu c’Uburundi. Yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Diamond League de Lausanne ryabereye mu gihugu ca Suisse.

Muri iryo higanwa ryabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, Francine NIYONSABA yirutse imetero amajana umunani mu mwanya ungana na 1’57’’71.

Abanonotsi mpuzamakungu biruka ku metero amajana umunani bari muri iryo higanwa ni :

Alemu (Ethiopia)
Bishop Melissa (Canada)
Büchel Selina (Suisse)
Chebet Winny (Kenya)
Jepkosgei Nelly (Kenya)
Francine Niyonsaba(Burundi)
Prischepa Nataliya (Ukraine)
Sharp Lynsey (Grande Bretagne)
Sum Eunice Jepkoech (Kenya)
Wambui Margaret (Kenya)

Ivyiyumviro vyanyu

Ndipfuza Kumenye Amakuru Yuwomukobwa ?

14.11.2016 à 22:32
ezechuele.

NUKURI NITEKA KUBURUND BWACU NAH HARIH ABABUVUGA NAB IVYIZ VYO BIRIY PEEE

27.08.2016 à 19:43
Ndayisena Daniey

KOMER KUMUHETO UTERE ITEKA UBURUNDI BWAKWI BARUTSE TUVUGWE HOSE

27.08.2016 à 10:08
ISAAC

Amahoro Nimpeso Y’umutunzi N’umworo,Tubumbatire Amahoro Ntidukine N’umuriro, Tworwanira Gute Amakoma Kandi Twese Twubaka Inzu Imwe ?

26.08.2016 à 23:27
Frédéric Niyonsaba

K Dieu vs Guide en ts !!

26.08.2016 à 20:16
www

Congratulations kana k’iwacu !

26.08.2016 à 19:43
Fatu

Tera iteka Uburundi utere uja imbere twihoze ababutera ama grenade n’amasasu.

26.08.2016 à 17:07
Rukundo

Felicitations Francine. Mais je ne vois pas Semenya from south Africa sur les 800m women results . !!!?????

26.08.2016 à 16:36
petero

Ndagukeje kuko uduteye iteka twese abarundi/u Burundi, Imana yakuduhaye ikudutungire, wakomewe amashinamakungu izubaryaka ibendera ryu Burundi muguhungabana ryivayo, sangwanurweze sangwan’Amahoromeza.

26.08.2016 à 16:17
Hutsi

Bravo Francine

26.08.2016 à 14:54
japhet

Komera ,komera, komera, komera, komera. Uri umwigeme extraordinaire.

26.08.2016 à 11:46
Komera

proud of you francine !!go ahead !!tu es une fierté pour le pays !!!

26.08.2016 à 11:39
ndandaye

Turamukeje kukibanza ciza cane yasubiye kuronka muri Suisse.

Komera Kw’Ibanga.

Urabikwiye.N’Insigabwenge,bwabundi abarundi bafise ingabire nyinshi cane.

Zikoreshe neza.

26.08.2016 à 10:22
Désiré ngendakumana

turamukeje nabandanye atera imbere nkumuzinga yongere ateze imbere igihugu ciwe camwibarutse

26.08.2016 à 08:56
Nduwarugira Eric

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.