IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine NIYONSABA aranegura ko adashigikiwe kandi aserukira (...)

Francine NIYONSABA aranegura ko adashigikiwe kandi aserukira igihugu

mercredi 20 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Francine NIYONSABA, umwe mu banonotsi rurangiranwa ari mu biteguriye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu rizobera i Rio mu gihugu ca Bresil, aranegura kubona Uburundi buzokwitaba inkino za "Jeux olympiques" ata munonotsi n’umwe mw’icenda bazoserukira igihugu yashigikiwe mu mwiteguro. N’aho biri uko avuga ati " "Ibendera tuzoritwara nk’Abarundi."

Mu gihe ibihugu bitandukanye vyimirije kurungika abanonotsi bazobiserukira muri izo nkino, Francine NIYONSABA avuga ko mu Burundi atariko bimera, kuko umunonotsi wese yimenya, ntanafatwa mu mugongo, aho akibaza uburyo butegura izo nkino za "Jeux olympiques" mu Burundi iyo buja hamwe n’ico bukora.

Agira ati : "Birababaje, ariko turitanga kugira dushobore gukora ivyo dushoboye mu kwitegura, kuko ntitwokwishoboza vyose. Aha novuga ikibazo c’umu "masseur" twasavye bakagitera akagere. Ubutwari n’ubwitonzi bwacu nibwo buzoduhesha icubahiro, amabara y’igihugu cacu c’Uburundi tuzoyatwara neza cane tuyashikane Brésil, nta ntege biduca kuko ihangiro dufise ntihinduka. Ni iyo gushika kure hashoboka."

Niyo ncuro ya mbere Uburundi buserukiwe n’abanonotsi benshi, abazokwitaba iryo higanwa rya "Jeux Olympiques" akaba ari abanonotsi icenda bagizwe na Francine NIYONSABA, Diane Nukuri, Antoine Gakeme, Olivier Irabaruta, Celestine Nihorimbere, Niyonkuru Abrahan, hamwe na Elsie Uwamahoro.

Francine NIYONSABA yaheruka gutahukana umudari w’inzahabu mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa ryabereye i Portland muri Reta zunzubumwe za Amerika. Ico kibanza Uburundi bwaheruka kukironka haheze imyaka 24.


IGIHE

Messages

  • Niyonsaba avugati: igihugu canje kudushigikira twebwe abanonotsi kuburyo bwose bushoboka atinivyo dushaka, atikandi batadushigikiye nkukotubishaka ntiduheza ngotuvuge ko arukutwanka atimbere turakomeza tugakora ibishobokavyose kugira ibendera ryigihugucacu (Burundi) turishire hejuru.
    Atirero twitegereje guhera kubanyagihugu nabatware bigihugu cacu baranezerererwa cane nukuntu twifataneza mubikorwavyacu ati baradukunda sivyimbeshere arinacogituma tunubahuka tukababwira ivyodukeneye nukubera twisanga muribo.

  • icecekere Francine benewanyu bariko baricana gusa ibyo kunonotsi ntibibaraba barazi guhimba ibinyoma gusa no kwica abo basangiye akaranga kiburundi

  • Hashigikiwe abicanyi niba ntawe urica uze wimenye so non banza wice umututsi canke abatemere leta yankurunziza hama uje kuraba bunyoni na nyamitwe urabe ko batagushigikira.

  • Uyu mugabo NIYONSABA RUYIGI, iyi nsiguro atanze y’ico umunonotsi Francine yashikirije cerekeye ko Leta y’u Burundi ataco iriko irafasaha abanonotsi bazoduserukira muri JO, twizere ko ayishikirije abandi bantu Atari abarundi, kuko Francine iciyumviro yashikirije kiratomoye neza kandi yakivuze n’urupfasoni rwinshi.Aboba rero baramusavyeko yobasigurira neza ico Francine yagomvye kuvuga ntibasye bwose ngo baronse insiguro, ihibambewe

  • Nukuri Arachoboye Uwomukobwo niyaba.

  • MUVYUKURI UWO MUNONOTSI ,UBURUNDI BUKWIYE KUMWIBUKA KUKO NIWE SHAMI RYA SPORT MUBURUNDI.

  • ARIKOZEKO SHA!AYO BAGUHAYE KUMUSI MUKURU WABAKOZI WAYASHIZEHE CANKE USHAKA BAKUBAKIRE ETAGE IBUJUMBURA ,BURA KUZA URAYABIKA NAKAZI KAWE

  • Mwironderere nationalite zibihugu vyo bafata mumugongo kugiranga namwebwe muzokwiteze imbere. Nahumbundi niwaheza carriere yawe uzoca ugaruka kurima niho iwanyu bafise agatongo.

  • ivyo birakwiye ubushmwe bw’imidar canke amahera.mugabo ntibitangaje kuba akomeye kuko visage niyo kwiruka.

  • Ndumiwe numvinse ukuntu bamwe mwishuye mushikiwacu Francine. Birababaje kwumva hariho abaca intege abandi aho kubafata mumungongo. Francine mwana wa maman wihangane ukore igishoboka burya Imana irakunda Uburundi na Barundi ejo ni heza.

  • Nimutere Intambwe,mwege Vyakunzeko Mumenyekana,aho Ntumbereye Dupfanye Ubuhinga Kubera Kubura Abatwitaho

  • TURAMUKEJE NAKAMERE KWIBANGA IMANA IMUJE IMBERE AHORE ABA UWAMBERE

  • umudari uzotaha muburundi imana imufashe turamushigikiye rspt niyonsaba

  • Jewe ndagushigikiye cane gose Françine aho ubwo bandanya witoza ariko rero ngiriyeko mpanura ABARUNDI NA BARUNDIKAZI N’INCUTI ZUBURUNDI Kobo gufata mumugongo kuko imyaka 24 yarihaciye nimyinshi tutitaba"JEUX OLYMPIQUES"Merci àvous tous.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.