IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Gitega: Amahiganwa y’abagendana ubumuga

Gitega: Amahiganwa y’abagendana ubumuga

lundi 22 Ndamukiza 2013

Mu ntumbero yo gutanguza inkino z’abagendana ubumuga mu ntara ya Gitega, Ikigo c’urwaruka ca gitega gifatikanije n’ishirahamwe rijejwe inkino z’abagendana ubumuga mu Burundi, bakoresheje ihiganwa kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Ndamukiza 2013 mu nkino za Sitting voley ball na Goal ball .

JPEG - 66.4 ko

Mu vyukuri izo nkino zari zibereye ijisho cane kuko zari zahwanije imirwi myinshi y’abamugaye bo mu ntara zitandukanye nka : Igisagara caBujumbura , Bujumbura,Muramvya ,Muyinga ,Bururi,Rutana, ndetse n’intara ya Gitega ari naho iryo higanwa ryabereye.

JPEG - 71.9 ko

Murukino rwa Sitting voley ball hari imirwi icenda y’abahungu n’ine y’abigeme, naho murukino rwa Goal ball hari imirwi ine y’abahungu n’iyindi ibiri y’abigeme .
Muri izo nkino, habanje kuba gukuranamwo kw’imirwi kugira haboneke iyija gushobora gukina urukino rwa nyuma ,ubona ko izo nkino zabaye zose ku munsi umwe.
Muri Sitting Voley ball mu bakobwa, imirwi yashitse mu rukino rwa nyuma yose yabaye iyo mu gisagara ca Bujumura ,nk’ Umuco watsinze les Vaillantes kurukino rwa nyuma.Naho mu basore, muri Sitting Voley ball umurwi wa Muzinga w’i Bujumbura watsinze uwa Espoir kurukino rwa nyuma.

JPEG - 67.8 ko

Murukino rwa Goal ball mu bigeme ,umurwi wa Pigeon Blanc w’ i Gitega ku rukino rwa nyuma watsinze Reine de la paix nayo yaho i Gitega naho Mu basore umurwi wa Muzinga w’ i Bujumbura watsinze uwa Remesha w’i Gitega.

Nkuko twabibwiwe n’uwurongoye ikigo c’urwaruka i Gitega,umupfasoni Ndayisaba Anne Marie , ari nabo bateguye izo nkino yavuze ko intumbero nyamukuru kwari ugutanguza kumugaragaro ibikorwa vy’umurwi w’abamugaye wico kigo , ngo biyumviriye kandi gutumira iyindi mirwi y’abamugaye kugirango babafate mu mugongo. muri izo nkino, bakabonereho no kwitegura kuzoja baritaba amahiganwa atandukanye

Basaba urwego rw’igihugu rujejwe inkino z’abamugaye ko bobafata mu mugongo, kugira inkino z’abamugaye zibone gutera imbere.

JPEG - 68.2 ko
JPEG - 61.3 ko

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.