Accueil > Inkino > Hand Ball > Bujumbura : Ibendera ry’Uburundi niryo ryashikirijwe abakinyi b’umupira (...)
Bujumbura : Ibendera ry’Uburundi niryo ryashikirijwe abakinyi b’umupira w’amaboko "Handball"
jeudi 20 Ntwarante 2014
Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama ahejeje gushikiriza ibendera y’igihugu abakinyi b’umupira w’amaboko "Handball" buca baja mu gihugu ca Kenya ku ncuro ya mbere. Imfashanyo y’ imipira y’urwo rukino yatanzwe ku mirwi yose, mu ntara zose zo mu gihugu. Yatanzwe n’akarere ka "Pays de la Loire"ku bw’imigenderanire ico gihugu gifitaniye n’Uburundi.

Abakinyi b’urwo rukino bari munsi y’imyaka 20 bangana 18, bava mu mirwi 7 ari yo Muzinga, SOS Handball, Avro’o, na Intwari yose yo mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’imirwi High Team na Foudres y’i Gitega, ni bo batowe n’umumenyereza mpuzamakungu w’umufaransa Patrice Lecroq amaze igihe ari mu Burundi ku bw’ico gikorwa. Bubaye ubwa mbere, Uburundi bwitaba inkino za "Handball" ziteguwe na CAN (Championnat d’Afrique des Nations), hazoba ari kwitegurira amahiganwa mpuzamakungu z’isi yose azoba mu mwaka w’i 2015. Abo bakinyi bazogenda aho bukera igenekerezo rya 21 Ntwarante. Inkino zizotangura igenekerezo rya 22 Ntwarante zihere kuri 30 uko kwezi nyene.
Ku kibuga kiri mu bushikiranganji bw’Urwaruka inkino n’imicokama, Adolphe Rukenkanya yashikirije ijambo abaraho, akeza iyo miyabaga yatowe. Yongera atanga ibendera ry’igihugu n’umwambaro wo gukinamwo, ufise amabara y’ibendera ry’Uburundi. Iryo bendera ryahawe Makuraza Alpha, umukuru w’abakinyi. Uwo yasabwe kwitangira i gihugu cabo, urupfasoni no kwumvira abazobaherekeza.

Makuraza Alpha umukuru w’abakinyi bazoja i Nairobi arizeza itsinzi kuko bararonse umwanya wo kwimenyereza, kandi naho bavuye mu mirwi itandukanye bagiye bamaze kumenyererana
Muri uwo mwanya nyene, imipira ya "Handball"igera ku 500 yashikirijwe imirwi isanzwe iri mw’ishirahamwe hamwe n’iyiriko iravuka.


Chérif Nkeshimana