Accueil > Inkino > Amahiganwa > Kamenge : Ihiganwa ku bagendesha amakinga
Kamenge : Ihiganwa ku bagendesha amakinga
mercredi 4 Kigarama 2013
Ikigo c’urwaruka co mu Kamenge (Centre Jeunes kamenge) kiri kumwe n’umugambi w’amahoro no gusubiza hamwe (Projet Paix Reconciliation) barateguye ihiganwa rigira iry’icumi na agatatu "13eme edition" ku bagendesha amakinga.
Iryo higanwa rizoba kw’igenekerezo rya 27 Kigarama, rizohuza abantu bose bavyipfuza, bafise hagati y’imyaka 16 gushika ku 40 baba mu ma komine yo mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura ni ukuvuga: Kamenge, Kinama, Gihosha, Buterere, Ngagara, Cibitoke. Ku gitsina gore, munsi y’igitigiri c’abagera kuri 20 ntiberewe kuzohiganwa. Uwuzohiganwa asabwa kuzokwizanira ikinga rwiwe kandi ritari muri y’amakinga biboneka ko yakorewe amahiganwa. Ku bijanye n’impanuka z’amasanganya, abateguye ihiganwa bemera ko bazofasha uwagize impanuka imfashanyo za mbere, ibisigaye azokwimenya.
Ubushimwe kuri babiri bazoba aba mbere (umwe ku gitsina gore n’uwundi ku gitsina gabo) bazoronswa ikinga ry’umutonore, 20 bakwirikira, bazoronswa ivyuma vy’amakinga, eka uwuzoshobora gushika wese, azotahukana akaganuke k’amakaye, ibirangaminsi, eka n’ibindi bitandukanye.
Abashaka kwitabirira iryo higanwa, basabwa kwitwaza indangamuntu zabo. Iyandikwa ryatanguye igenekerezo rya mbere Kigarama rizohera ku wa 15/ 2013. Igihe c’isaha zitatu z’igitondo (9h 00) abigeme canke abagore bazoba bandurutse, ku bahungu canke abagabo n’isaha zine n’inusu (10h 30). Ihiganwa rizotangurira imbere y’ikigo c’urwaruka co mu Kamenge (Centre Jeunes kamenge) bace mu ma barabara amwe amwe, yo muri ayo ma komine hanyuma bahereze aho batanguriye.

Cherif Nkeshimana
Messages
4 Kigarama 2013, 23:19, par hello
Aba nibo bazoja mwihiganwa???