Accueil > Amagara y’abantu > Imfashanyo y’ibikoresho vy’amafaranga y’amarundi imiriyoni 100 yatanzwe ku (...)
Imfashanyo y’ibikoresho vy’amafaranga y’amarundi imiriyoni 100 yatanzwe ku kigo CKRF
jeudi 12 Kigarama 2013
Ikigo gifasha kuvura abavunitse n’ukugorora abamugaye CKRF (Centre de Kinésitherapie et Reéducation Fonctionnelle) caronkejwe imfashanyo y’ibikoresho bifasha kugorora ibihimba vy’abahuye n’insanganya zitandukanye. Ibikoresho vy’agaciro k’amafaranga angana n’imiriyoni ijana y’amarundi nivyo vyatanzwe. Iyo mfashanyo y’ibikoresho ikaba yatwanzwe n’ishirahamwe Heineken Africa Fondation (HAF).

Christine Rwayongwe, arongoye ikigo CKRF (Centre de Kinésitherapie et Reéducation Fonctionnelle) amenyesha ko ivyo bikoresho vyaje hageze na rirya ico kigo cari gisanzwe citurwa n’abatari bake ba ntahonikora canke bafise uburyo buke. Muri ivyo bikoresho vyatanzwe, harimwo ibikoresho bicarako bikozwe mu buhinga bwa none, ibikoresho bigorora amaguru n’amaboko, ivyuma bigorora imigongo, canke ku mutwe hamwe n’ibitanda vyo kuryamako.
- Christine Rwayongwe, arongoye ikigo CKRF
Christine Rwayongwe aragaragaza ko ari umunezero kuriwe kuko ibikoresho baronkejwe biteye imbere, ivyo navyo bikazoshobora gufasha abafise ubumuga butandukanye n’abatari bake bafise uburyo bwo kwivuza bakaharonkera akoyokwe.
Godefroid Kamwenubusa yaserukiye umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe no kurwanya ikiza kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA yamenyesheje ko ivyo bikoresho vyatanzwe ari ngirakamaro kubagiye kubikoresha, kuko bije no gushigikira umugambi mushasha wa Reta wo gushigikira abagendana ubumuga butandukanye. Uwo mugambi wa Reta watanguye kuva mu mwaka w’2011, ukazoshika mu mwaka w’2015.
- Godefroid Kamwenubusa
Ku ruhande rw’ishirahamwe Heineken Africa Fondation ryatanze iyo mfashanyo, Suzanne Schuurman arirongoye imbere y’amategeko, yamenyesheje ko intumbero ari ugushigikira igisata c’amagara y’abantu, na cane cane ko igihugu c’Uburundi kiri muvyashikiwe n’intambara yononye ibitari bike, n’amagara ya benshi arahasinzikarira. Ibikoresho vyatanzwe akaba ari ukugira abagize insanganya z’ubumuga butandukanye bataronka uburyo bwo kwivuza bashobore kuronka ingene bivuza batarushe.

Mwomenya ko ishirahamamwe Heinekein Afrika Fondation ribifashijwemwo n’ishirahamwe BRARUDI, rimaze gufasha mu gisata c’amagara y’abantu, amafaranga y’amanyaburaya agera ku bihumbi 300 (Hafi imiriyoni amajana atandatu z’amafaranga y’amarundi.).

Mariella Bukuru