Accueil > Amagara y’abantu > Imfungurwa twokwirinda kugira amenyo agume yera kandi meza
Imfungurwa twokwirinda kugira amenyo agume yera kandi meza
mercredi 5 Ruhuhuma 2014
Kugira akamoto kabi mu kanwa ni kimwe mu ngaruka zivuye ku kutagira isuku rikwiye mu kanwa. Amenyo n’ururimi bikaba biri mu bihimba vyo mu kanwa vya nkenerwa bikwiye kugirirwa isuku rikwiye mu kwirinda kugira akamoto kabi.
Mu matohoza yakozwe, berekana ko kwiyugumura mu kanwa atarivyo vyonyene bituma mu kanwa haba isuku, ariko n’imfungurwa umuntu afungura zibifisemwo uruhara ntangere. Iyo amenyo agiriwe isuku rikwiye, indwara n’imigera vyotuma mu kanwa hagira akamoto kabi ntibiba bikicibonekeza.
Muti none hokorwa iki kugira habe isuku rikwiye mu menyo?
Mu cirwa cakozwe muri Reta nzunze ubumwe za Amerika, mu gisagara ca New York, vyarabonetse ko hariho imfungurwa zitera imigera mu menyo bigatuma no mu kanwa baha akamoto kabi. Zimwe muzadondaguwe, harimwo imivinyu yera n’iyitukura ituma amenyo agenda arahindura ibara ryayo uko umuntu ayinywa, kunywa ikawa n’icayi iminsi yose, guhekenya imbombo n’amabazoka bikozwe mw’isukari nyinshi bikagira kandi n’amabara atandukanye, kunywa ifanta ya coca cola, isosi yakozwe mu mavuta menshi, ivyamwa vy’amabara hamwe n’imfungurwa zikozwe mw’isukari nka gateau.

Abashakashatsi bakoze ivyo vyirwa bavuga ko vyari vyiza ko abantu boza baranywa amazi igihe cose bafunguye mwene ivyo bintu bifise ingaruka zitari nziza ku menyo no mu kanwa kugira udusigarira twavyo ntitugumeyo.
Ikindi naco, kwiyugumura inyuma yo gufungura basanze arivyo vya nkenerwa kurusha kwiyugumura imbere yo gufungura kuko hoho ata migera iba irinjira mu menyo ivuye mu dusigarira tw’ivyo umuntu aba yafunguye. Ariko n’aho nyene, umuntu yokwirinda kwiyugumura imbere y’uko iminota 30 ihera yahejeje gufungura, mu gukingira ikinyigishi kwononekara.
N’aho hariho imfungurwa zishobora kwonona amenyo, hariho n’izo umuntu yofungura zituma amenyo asa neza. Zimwe muri izo hari : ibiraya, isereri, amakaroti, amashu y’amababi hamwe n’ivyamwa bifasha kwoza amenyo nk’amapinari n’amabrocoli.
Ubushakashatsi bwakozwe bwasanze kandi ivyunyunyu vya calicium na phosphore biboneka muma foromaji bituma amate arwira mu kanwa, aho mukibuka ko amate ari mu bikingira amenyo, hamwe no kurinda kugira akamoto kabi mu kanwa.

Mariella Bukuru
Messages
6 Ruhuhuma 2014, 13:33, par Djuma
murakoze kunama nziza mutugira murakoze