Accueil > Amagara y’abantu > Imfungurwa zibujijwe kubakenyezi bibungenze
Imfungurwa zibujijwe kubakenyezi bibungenze
lundi 3 Ntwarante 2014
Mbega n’ibihe bifungurwa ntarekuriwe gufungura? nemerewe gufungura? kangahe ku munsi? Ni gute nofungura mu gihe nibungenze? Hoba hari imfungurwa nofungura zogirira ingaruka mbi umwana ari mu nda? Ivyo ni bimwe mu bibazo abakenyezi bibungenze bakunze kwibaza, mbere rimwe na rimwe bikanabazazanira.
Abakenyezi iyo bibungenze barahindura imibereho bahora babamwo imbere y[’uko bibungenga haba mu nyamambaro canke haba muvyo bagufungura. Ku bijanye n’ibifungurwa ari navyo mbere tugiye gushimikirako, hari abahinga karuhariwe bagize ico babivugako.

Nishta Saxena, umuhinga mu bijanye no gufungura akaba n’umwigisha mu gisata c’ubuvuzi kiraba ivy’ingo muri kaminuza y’i Toronto, avuga ko hari imfungurwa zibujijwe ku bakenyezi bibungenze ku bw’ugukingira amagara y’umwana baba bibungenze. Zimwe mu ngaruka zibonekeza igihe abakenyezi bibungenze babandanije bafungura imfungurwa batarekuriwe gufata, ni uko bishobora gutuma inda yibungenze ikoroka canke umwaka bikagorana ko avuka.
Muti none imfungurwa zibujijwe ku bakenyezi bibungenze ni nk’izihe?
Inyama zihinguwe hamwe n’izo mumakopo
Inyama zihinguwe bashira kenshi mu mikate (pain viande, hambourgers), hamwe n’izo mu makopo kuko bazishiramwo ifu bita “Nitrate” izifasha kumara igihe kirekire ntizibore canke ngo zihindure ibara. Iyo ikaba itera indwara ya kanseri ya colon canke igashobora gukwega izindi ngorane, nko gushobora kuvyara umwana yapfuye.
Kwirinda Gufungura amagi, amaforomaji n’amafi adatetse neza
Umuhinga Madeleine Clin mu bijanye no gufungura neza avuga ko izo mfungurwa zidondaguye zibujijwe ku bakenyezi, kubera zishobora kuba zirimwo imigera ituma abana bavuka badakomeye neza, canke bakavukana ubumuga. Naho inyama n’amafi bidatetse neza vyoroshe kwirinda, Madeleine ahanura ko no mubitetse bobanza kwongeramwo ivyo bita vinaigre, yica imigera ishobora kuba yagumyemwo. Ikindi naco imfugurwa z’amavuta, bozirinda bishoboka nk’amata, ibinure, mayonaise, n’ibindi nk’ivyo.
Kwirinda kunywa inzoga, amafanta n’ibinyobwa bikozwermwo ikawa
Naho bizwi cane ko kunywa inzoga ku mukenyezi yibungenze bishobora gutuma umwana avukana ubumuga, hari icirwa caraye gisohotse mu mwaka w’i 2013 cakozwe n’abashakashatsi bo mu gisata c’ubuvuzi kuri kaminuza y’i Bristol, kivuga ko kunywa inzoga nkeyi wigereye, ata ngorane bishobora gutera ku magara y’umwana ari mu nda. Abahinga bagahanura abakenyezi kudasya bwose mu kunywa n’izo nke kuko bishobora kuguma biduza inyota, yo kuguma bipfuza kuzinywa. Ku bwabo, ibirahuri 2 vy’inzoga ku ndwi birakwiye kubazinywa.
Ku batazinywa naho, bokwirinda kuzinywa kuko ata kamaro zifise haba ku magara yabo canke y’abana bibungenze. Izindi ngaruka nazo ku binyobwa bikozwemwo ikawa ni uko bishobora gutuma umwana vukana ibiro bidakwiye.
Abahinga karuhariwe mu bijanye no gufungura, bahanura abakenyezi bibungenze gukurikiza impanuro bahawe, bagashira imbere amagara y’abana baba bibungenze mu kwirinda ivyo vyose vyokwonona amagara yabo.
Mariella Bukuru
Messages
4 Ntwarante 2014, 11:39, par Gicocioro
Murakoze cane kurizo mpanuro muduhaye