IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ni ryari umukenyezi yomwa igitsina ciwe afitaniye isango na (...)

Ni ryari umukenyezi yomwa igitsina ciwe afitaniye isango na muganga

mercredi 5 Ruheshi 2013

Nk’uko bisanzwe umuntu ahura n’umuganga mu mwiherero ,burya muri birya biro vy’abo baganga b’abakenyezi habera ibintu vyinshi cane, bimwe bibaza n’ibindi usanga bitangaje hagati y’abo baganga n’umurwayi.

Ni nayo mpamvu uyu muganga atanga impanuro zikwirikira, ngo sivyiza ko umukenyezi yimwa mu bihimba vy’irondoka imbere yaho aba yahanye isango na muganga. Imbere yo kubonana n’umuganga ni mukurikize impanuro ziwe.
Birumvikana cane ko umukenyezi agomba kuja kwa muganga, ategerezwa kugira isuku mu bihimba vyiwe vy’umubiri, harimwo n’ukumwa umushatsi wo kugihimba c’irondoka. Ariko muvyemere, burya ngo abaganga ntibabiha agaciro cane iyo umuntu amoye, ngo mbere burya iyo umuntu aherutse kwimwa vuba umushatsi wo ku gihimba c’irondoka, bituma no kubona indwara zimwe zimwe bigorana.’’kenshi nama nsanga mfise abarwayi bimoye umusi umwe imbere y’uko aza kw’isango twahanye, ndashima cane uwo mwitwarariko w’isuku ariko rero birangora kubona nk’indwara y ‘ibisebuzi kuko nguma nibaza ngo vyatumwe n’ivyo aba yakoze imbere y’uko aza kwa muganga.

Ibiro vyinshi n’ukwipfuza kurangura amabanga yabubabtse, ngo ntibibana
Kenshi abanza kwivuza ntibaba biteze ko umuganga wabo ababwira ko ibiro vyabaye vyinshi ,ariko rero bihora bishika ko ntavugana n’abaza kwivuza iwanje bambwira ko batacumva bashaka kurangura amabanga mpuzabitsina, ko vyaragabanutse. Kenshi ngo iyo umukenyezi atiyumva neza mu mubiri wiwe kuko ibiro biguma biduga kenshi usanga anatinya kuja imbere y’umugenzi wiwe atambaye, mbere ngo hari n’igihe usanga amwiyamiririza kure mu bihe amubajije ivyo kurangura amabanga mpuzabitsina.

Iyo bimeze gurtyo ntibiba bikenewe rero ko umuntu arinda arafata imiti, ahubwo kuza urarya utwo kurya duke kandi ku masaha bizotuma umuntu asubira kwiyemera wenyene hama agasubira gukora y’amabanga mpuzabitsina amerewe neza muri we.
Gutwara inda inyuma y’imyaka 42, Kenshi turakunda kuvuga ibintu vyerekeye ukurondoka ,ubu nkaguma ndonka abakenyezi bavuga ko bipfuza akana cane kandi baramaze kurenga mu myaka 42. Biragoye kenshi kwemera ko amahirwe yo kuronka ico kibondo aba yegereje cane ubusa naho hari abakenyezi usanga baravyaye bafise imyaka 50 y’amavuka canke mbere inarenga.

Biraryoshe kwibaruka atabubabare bwinshi. Ndasonera cane uburenganzira bw’umukenyezi uwo ariwe wese bwo gutora uburyo yibarukiramwo. Mpora mperekeza kenshi abakenyezi batoye kuvyara mu buryo busanzwe, ata n’umwe abafashije mbere hari n’abavyarira muhira. Ariko rero hamwe bombaza iciyumviro kuri ivyo bintu, ng’iki ico nobabwira: ni mutore bwa buryo bwo kubatera umuti utuma utababara bita ‘’peridurale’’. Burakora cane, nibwo, kandi kureka kubukoresha ntabwo bizoca bituma uba umuhizi.

Nta kuryoherwa mu mabanga mpuzabitsina n’ikosa ryiwe. Iyo abagenzi canke abarwayi baje kunyivuzako bidoga ko badashikira wa munezero urenze, kenshi bakunda guta amakosa ku bakunzi babo. Ariko kenshi nkunda kubabwira ko biva ahanini kuribo. kuryoherwa birirwa, kandi umwe wese muri twebwe arazi ibimushobokera ku ruta ibindi, aho rero ni vyiza ko umwe wese yofasha uwo bubakanye kugira bose baryoherwe .


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.