Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka mbi ziterwa n’ama “écouteurs” n’izihe ?
Ingaruka mbi ziterwa n’ama “écouteurs” n’izihe ?
jeudi 11 Nyakanga 2014
Tumwe benshi bashira mu matwi (les écouteurs ou casques) kugira bumvirize umuziki, ireresi, amakuru canke n’ibindi biganiro, atanumwe bagora, dutera ingaruka mbi nyinshi twotegerezwa kumenya.
Mwoshobora kumbaza muti izongaruka mbi n’izihe ?
Abashakashatsi baravuga ko utwo dukoresho (écouteurs, baladeurs, casques), naho dufasha umuntu kwumviriza atawe agora, dushobora kwonona amatwi bigatuma atakaza ukwumva vy’akanya gato (perte auditive temporaire) canke agatakaza kwumva burundu (perte auditive permenente) mu gihe dukoreshejwe ukutariko. Ivyo bikavana n’ibintu bibiri : urugezo rw’ijwi n’umwanya umuntu yumvirije.
Mu gupima urwo rugezo rw’ijwi bakoresha urupimo bita "décibel". Bakavuga ko kuva kuri 85dBA kurenza bishobora gutuma umuntu atakaza kwumva mu gihe abikoze amasaha 8 ku munsi canke akarenze. Ivyerekana ko umuntu atakicumva neza: ntaba agishoboye gukurikirana neza ikiyago ahantu hari urwamo rwinshi, abantu bari impande ukamengo bariko bavuga utugongoshwa, akaza arumva amajwi avugira mu gutwi kwiwe arivyo bita "l’acouphène".
Muganga Bivahagumye Léonard, avura ibijanye n’indwara zo mu matwi, mu mazuru no mu mihogo (ORL), mukiganiro yagiranye na Journal Igihe, atumenyesha ko utwo twuma bashira mu mumatwi twegera inyumviro bigatuma amatwi ashobora kugwara (infection du tympan), canke bikazana kutumva (surdité). Ivyo navyo birashobora kudakira kandi uko imisi igenda indwara iguma yiyongera bigatuma umuntu atagishobora kwumva.
Ikindi naco nuko iyo umuntu yambaye ama "écouteurs" bimusamaza ntabe akicumva ibimukikuje, arico gituma abagendana utwo twuma mu matwi bashobora kugira amasanganya ashobora kubahitana yaba mw’ibarabara canke kukazi, kuko naho imiduga canke abantu bogeragaza kubaburira (sirenes,klaxon,alarme,signaux) kw’isanganya rigire ribashikire, badashobora kubumva.
Ivyigwa vyakozwe n’abanyamerika vyerekana ko amasanganya yabagenda n’amaguru, bafise ama "écouteurs ou casque" mu matwi, yagwijiwe na 3 mu myaka 6. Amasanganya menshi akabera mu gisagara kubafise imyaka yababa 21.
Nadege Irakoze
Messages
11 Nyakanga 2014, 20:26, par J.Bapt
Burya kwiyahura sugukoresha ikiziriko gusa!!!!!Abumva ni bumve.