Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka mbi zo kumena amahere yo mu maso n’umuti wazo
Ingaruka mbi zo kumena amahere yo mu maso n’umuti wazo
lundi 19 Rusama 2014
Kugira imyitwarariko myinshi y’ubuzima (stress), kwibungenga, kwisiga amavuta atajanye nayo umubiri warumenyereye, bimwe mu bitera amahere yo mu maso. Kuyamena atarasha bigashobora kwandurukamwo ingaruka zitari nziza.

Mu vyirwa vyakozwe n’abahinga mu bijanye no kuvura indwara z’urukoba, bavuga ko amahere akunda gushikira cane cane imiyabaga kubw’imyaka baba bagezemwo, naho ata ndwara yayateye. Ariko, ashobora guterwa kandi n’ibindi bintu vyo mu buzima bwa minsi yose. Nko ku bigeme, aterwa navyitwa "hormone" ya « oestrogènes » aba yiyongeye. Kuribo, amahere agakunda kwibonekeza iyo bagire baje mu butinyaba canke iyo bisize amavuta ataramnyereye kwisiga. Ku misore n’abagabo bikava ku ma "hormone" ya « testostérone ». Ku bagabo amahere arashobora kwibonekeza nk’iyo batimoye neza ubwanwa. Akenshi muri rusangi agaterwa n’isuku rike umuntu agira.
Naho abantu bafise amahere bagerageza kuyamena mukuyikurako, abahinga mu bijanye n’indwara z’urukoba, bavuga ko atariyo nyishu yo kuyirukana kandi ko kizira kuyafyonda, na cane cane kuko bishobora no guhitana ubuzima bw’umuntu.

Muganga Eliya Mupera, umuhinga mu kuvura indwara z’urukoba, mu kiganiro yahaye ikiganiro ikinyamakuru IGIHE yamenyesheje ko kumena ibihere, haba ivyo mu maso canke ahandi ku mubiri, bitarasha, atari vyiza kuko bishobora gutuma biguma bigaruka, bigahava bikadurukamwo n’izindi nkurikizi zo ku rukoba rw’umuntu.
Zimwe mu nkurikizi zivuye ku kumena ibihere vyo mu maso, akaba ari imigera yavuye mu mashira y’ico gihere camenywe. Imigera ishobora guca itandukira ahandi hatari ibihere, ivyo bigatuma haza ibindi bihere. Iyo rero bigumye biza, bishobora kwadurukana indwara. Ikindi naco, inkovu zivuye aho igihere camenywe, ntizihera, zigumaho.

Hokorwa iki mu kwirinda amahere yo kurukoba ?
Abanonosoye indwara zo ku rukoba, bavuga ko kugira isuku ku mu biri ariyo nyishu nyamukuru yo kwirinda indwara zo ku rukoba n’amahere yo mu maso. Mukwiyoga, umuntu ategerezwa gukoresha amasabuni yabigenewe. Mu kwisiga naho, umuntu akirinda kwisiga ivyarivyo vyose bishobora kugirira nabi umubiri bakirinda no kwama babimena bitimenye igihe cose vyoba bije.
Tubibutse iyo umuntu agiye aramena amahere yo mu maso, bishobora no gutuma umutwe wiwe uvyimba.
BUKURU Mariella
Messages
19 Rusama 2014, 22:52, par Djuma
tura bashimiye kumpanuro mwama mwatugiriye murakoze
20 Munyonyo 2014, 10:06, par nshimirimana.claude
murakoze.kutugira.inama
17 Myandagaro 2015, 09:46, par constantine
jewe fise ikibazo nashaka muntomorere neza umuti nokwisiga kugira amahere ampereko
27 Myandagaro 2015, 14:28, par arakaza alva carmel
nashaka umuti kugra ibihere vyo mu maso bihere!!
12 Gitugutu 2015, 11:52, par Kubwemana sosthen
Non ko musore nawe ibihere bimufata yobigenza gut
18 Gitugutu 2015, 07:13, par MATHENDO
NON biherera gut kumaso
18 Gitugutu 2015, 07:33, par Sosthen
Nsigurira inyishu
3 Nzero 2016, 14:24, par Manirakiza Eric
Ndabaramukije.Nashaka ndababaze jewe mfise ikibazo c’amahere akunda kuza kumatama birashika ahusanga vyavyimvye cane.none nokora iki kugira bikire burundu ko kenshi je nisiga nubwoko bumwe bw’amavuta?mungire inama muzoba mukoze.
8 Ndamukiza 2016, 19:07, par Martin Ntakirutimana
Ndabasabe Mutubwir’ico Umuntu Yokor Mukugwanya Amaher Yo Mumaso
5 Ruheshi 2016, 20:10, par niyokwzera joyce
je niyumvirako arindwara kk haraho bidahera nahowobireka bikimena.
29 Nyakanga 2016, 13:18, par jean berchimas
Murakoz Kutugir Inam
15 Ndamukiza 2017, 08:33, par Kwizera Faustin Nibafasha
Nitwa Faustin Kwizera Nkabamfise Imyaka 25 Mfise Amahere Meshi Mumaso Natanguye Kuyabona Mfise Imyaka 15 Kandi Arambabaza Cane Kuko Nimanimani Iyo Ahiye Arazamwo Udushira Mpita Ndayamena None Mwamfashiki ?Kugira Nkire Iyondwara???
13 Rusama 2017, 06:31, par Lyduine
None Kumukenyezi Yibungenze Iyo Agize Amahere Mumaso Akayamenadahiye Ingorane Zirashobora Gushika Kumwana Yibungenze Zikamufata?
17 Ntwarante 2018, 18:04, par butoyi dorothée
Bjr nanj mfise amahere kuva mfs imyaka 15ans nubu ntarahera ariko ubu mfise ama tâches.nigute nayaheza akavaho kuko ndaba gené iyondi mubandi
24 Ndamukiza 2018, 08:31, par Hakizimana Clovis
Non Ntamavut Akiza Ibiher Ariho ?
11 Rusama 2018, 22:24, par munezero adrien
jewe nukuri nagirambaze non ntibikira? bikizaniki?