IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka zibonekeza ku baja mu butinyanka imbere y’imyaka 13 n’inyuma (...)

Ingaruka zibonekeza ku baja mu butinyanka imbere y’imyaka 13 n’inyuma y’imyaka 16

vendredi 19 Kigarama 2014

Mu cirwa giheruka gukorwa n’abashakashatsi mpuzamakungu mu gisata kiraba ivy’imirindi y’amaraso, amatohoza yerekanye ko kuja mu butinyanka imbere y’imyaka 13 canke inyuma y’iyo myaka vyoba bifise ingaruka zitari nziza ku magara y’abantu.

Nk’uko vyerekanywe n’igisata c’amagara y’abantu muvy’ubushakashatsi (Inserm : Institut National de la Santé et de la Recherche Médicale), abashakashatsi bavuga ko imyaka yari ikwiye ko abigeme babonerako ubutinyaka bwabo bwa mbere, ari 12,8. Abigeme baja mu butinyanka imbere y’imyaka 10 canke inyuma y’imyaka 17 bikaba vyagaragaye ko ibice 27 kw’ijana, bicwa n’indwara z’umutima (Crises cardiaques) n’iz’imirindi y’amaraso. Abadapfuye nabo, ibice 16 kw’ijana bagira ibimenyetso vy’indwara zo mutwe hamwe n’ibice 20 kw’ijana vy’ingorane zo guhema.

Ku bakenyezi barenga umuriyoni umwe bari hagati y’imyaka 50 na 64 mu kiringo c’imyaka cumi bagizweko amatohoza, ibice 4 kw’ijana muribo bagiye mu butinyanka ku myaka 10, igice 1 kw’ijana naco bagiyeyo inyuma y’imyaka 18.
Abashakashatsi mpuzamakungu mu vyirwa bakoze, bakaba baremeje ko abigeme babona ubutinyaka bwabo bwa mbere barakwije imyaka 13, bafise amahirwe menshi yo kutagira ingorane z’indwara y’umutima nkaza Hypertension n’iz’imirindi y’amaraso.

Muganga Dexter Canoy wo kuri kaminuza y’i Oxford ari mu bagize ubushakashatsi, akavuga ko abigeme bagira ubunini burengeje urugero (Obésité) mu buto bwabo, bifise isano no kuba bagiye mu butinyaka hakiri kare.
Ku bavyeyi bafise abigeme bafise igikuriro kinini, basabwa kwama bihweza ihindagurika ry’imibiri y’abana babo, bagakurikiranira hafi n’amagara yabo. Mu gihe babonye ko bageze ku myaka 17 bataraja mu butinyaka, n’ukunyarukira kwa muganga baronswe impanuro kuko akenshi biba vyanaturutse ku muryango bavamwo canke ingene bigenza mu miberero yabo.

Bimwe muvyotuma ibitigiri vy’abigeme canke abakenyezi bafise indwara z’umutima n’ingorane zo guhema bigabanuka, abashakashatsi mu bijane n’imirindi y’amaraso, bakaba bavuga ko ari ugufata imiti ibarinda kuja mu butinya hakiri kare.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.