Accueil > Amagara y’abantu > Ingaruka zivuye kundenzarugero yo kunywa amazi
Ingaruka zivuye kundenzarugero yo kunywa amazi
jeudi 5 Kigarama 2013
Kugira amagara meza, no kugira umubiri usa neza utotahaye, ni bimwe mu ngaruka nziza ziterwa no kunywa amazi meza iminsi yose.
Ku bisanzwe umuntu akuze afise mu riwe ibice 60 kwi 100 vy’amazi, ni ukuvuga ko ivyo bice bingana n’amaritiro 40 y’amazi. Muri ayo maritiro, mirongo ine, 25 ari mu duhimba tw’umubiri (cellules) na 15 ari hanze, mu riyo 12, n’amazi ari mu dutsi tw’umubiri (Tissu) na 3 dukorana n’amaraso.
Mu bushakashatsi bwakozwe n’abahinga mu bijanye no kuraba ihindagurika ry’umubiri (reations metaboliques), bavuga ko ari vyankenerwa cane ko ayo maritiro 40 y’amazi mu mubiri atogabanuka canke ngo yongerekane. Atari uko, umubiri ntusubira gukora nk’uko vyategerezwa gukorwa.
Hari inyigisho zitari nke zivugwa hirya no hino ku bijanye n’ingaruka amazi ari mbi canke nzinza, ariko ni vyiza gufata impande zose kugira ntihabe indenzarugero. Mu vyukuri, nk’uko vyasiguwe na Catheline Hery, umuganga araba ivy’inyifato mu bitaro vy’i Nantes, ikintu cose iyo umuntu akirabiye ku ruhande rumwe gishibora kumuhenda.
“Tumenyereye kwumva cane ko amazi afise ingaruka nziza gusumba ko ashobora no kugira ingaruka mbi mu gihe umuntu atavyifashemwo neza mu kuyanywa. Abantu bomenya ko iyo umuntu agumye anywa amazi menshi, bishobora kuzana izindi ngaruka zidashimishije”.

Zimwe mu ngaruka mbi nazo zishobora guterwa no kunywa amazi menshi, hari ukuzungurirwa, ukuba utagishaka gufungura bikwiye, ukuyorwa, guta ibiro bidasiguritse, igabanuka ry’umunyu mu maraso, ivyo navyo bigashobora gutera ingorane zo mu bwonko zandurukamwo indwara zo mu mutwe. Kugira amazi menshi mu mubiri hari nabo bihitana kuko umubiri uba warengewe n’amazi ari muri wo. Ku bijanye n’urugezo rw’amazi rusabwa ku munsi, ruri hagati y’amaritiro abiri n’atatu bivanye n’umuntu.
Zimwe mu mpanuro zatanzwe n’abanonosoye ivy’ivyirwa ku bijanye n’amazi ni izi:
Ni vyiza ko umuntu yoza aranywa amazi, umubiri utarayamusaba, kwongereza urugezo rw’ivyo yahora anywa igihe hashushe, inyuma yo kwinonora imitsi, canke igihe umuntu yagize ubushuhe mu mubiri burengeje, guha amazi ku mwanywa ku mwanya inzoya, kumenyereza kunywa amazi abana bato, kureka umwanya muto amazi akisesa mw’ibomba imbere yo kuyavoma, kunywa amazi yari mu kintu gipfundikiye, hamwe no kwoza igihe cose ico ugire unyweshe amazi. Gutyo, amagara meza azoheza atosekare gusumba.
Mwokwibuka ko kutanywa amazi uko bikwiye, biri mubisikaza bantu atari bake ku munsi ku munsi.
Mariella Bukuru
Messages
6 Kigarama 2013, 15:57, par Mukundwa
Murakoze kutwibutsa. Mwavuze ukuri.
7 Kigarama 2013, 17:56, par leonard nduwimana
nshaka kubaza ikibazo. najewe ndi mu bantu bakunda kunywa amazi menshi noneho ubu numva umutwe umbabaza,sinumva neza mu matwi ariko sirwaye none vyoba vyatewe namazi? canke iyo umuntu yamaze kugira amazi menshi mu mubiri yobigenza gute? murakoze.
18 Kigarama 2016, 09:57, par Cleo
Birabaho Neza?Non Umunt Yanywa Amazi Kumus Kangahe?