Accueil > Amagara y’abantu > Inkurikizi zivuye ku kudasinzira uko vyategerezwa
Inkurikizi zivuye ku kudasinzira uko vyategerezwa
vendredi 2 Nzero 2015
Kurara ukanuye, kutaryama amasaha akwiye canke kubura itiro, ni bimwe muvyonona kandi bigasinzikaza ningoga amagara y’umuntu.
Mu cirwa giheruka gukorwa ku bijanye n’itiro, abashakashatsi baturuka muri Reta Zunze ubumwe za Amerika, bavuga yuko igitigu, amahaha hamwe n’amafyigo, biri mu bihimba vy’umubiri bibangamirwa kubera ukutaryama bikwiriye.
Muri ico cirwa cakozwe ku mbeba, igikoko gisanzwe gifise umubiri (Organisme) umeze nk’uw’abantu, ku bijanye no kurara ukanura, kukutaryama amasaha akwiye canke kukubura itiro, basanze imbeba zitashoboye kuryama uko vyategerezwa, zadugije ivyo bita « stress oxydatif » igera ku 39 kw’ijana ugereranije n’uko vyahora.
Ivyo vyatumye ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri bibangamirwa, bica binagaragaza ukudakora uko vyahora bikora. Aho twovurwa nk’igitigu caduze kugeza ku bice 147 kw’ijana, amahaha aduga ku bice 66 kw’ijana hamwe n’amafyigo yaduze kugeza ku bice 45 kw’ijana.

Muganga Carol Everson, asanzwe ari n’umwigisha muri Kaminuza yigisha ibijanye n’ivy’ubwonko (neurologie), hamwe n’ibijanye n’ingene umubiri ukora (Biologie cellulaire), avuga yuko iyo umubiri utashoboye kuryama uko vyategerezwa, birashobora no gutera indwara z’umutima hamwe na kanseri.
Kugira umuntu ashobore kugarura itiro aba ataryama mw’ijoro rimwe, bimusaba ko aryama iminsi ibiri kugira umubiri usubire gukora neza nkuko vyahora.
Tubibutse ko ukubura itiro canke ukutaryama uko vyategerezwa gukorwa, biri mu bitera impanuka nyinshi, na cane cane mu bihugu biteye imbere aho abantu bakora amasaha menshi. Aho twovuga nk’impanuka z’imiduga mu mabarabara, impanuka z’indwara nk’ivumbuka ry’imirindi y’amaraso, ihahamuka, kugira ubunini burengeje, indwara z’igisukari, kanseri, n’izindi, bigatuma mbere n’abantu bapfa hakiri kare.

Mariella Bukuru
Messages
22 Ruheshi 2017, 22:25, par akimana dany
muranciye umutima kuko jewe nsinzira amasaha make