IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Ishengero Methodiste Libre mu Burundi ryararonse umwungere (...)

Ishengero Methodiste Libre mu Burundi ryararonse umwungere mushasha

lundi 15 Mukakaro 2013

Musenyeri Onespphore Nzigo niwe yatowe ngo asubirire umuhisi Eliya Buconyori aherutse kwitaba Imana. Iryo yimikwa rikaba ryabaye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 14 Mukakaro uyu mwaka. Ivy birori rero bikaba vyari vyitabwe n’abatari bake harimwo umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi ari nawe yari yaserukiye Leta, n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, abasenyeri batandukanye bo muri aka karere.

Ahejeje gusengerwa, musenyeri mushasha w’ishengero rya Methodiste Libre mu Burundi, yasabwe kwitwararika ububasha ahawe kandi akaba mwungere mwiza kuri bose. Mu nyuma yahawe Bibliya kuko ariyo kirwanisho gikomeye ku mukristu, kandi ndetse ivyo azigisha vyose bikaba arimwo biri. Muri ivyo birori kandi vyari vyitabwe n’abantu isinzi harimwo abasenyeri baje bava mu bihugu nk’Urwanda, Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Uganda , Kenya. Eka ndetse abo basenyeri bakuru bakuru baha mu karere duherereyemwo akaba aribo bamwambitse ikanzu y’abungero, ahabwa inkoni hamwe n’igitabu kirimwo amabwirizwa y’ishengero rya Methodiste Libre.

Abafashe amajambo bose barashimiye cane ishengero Methodiste Libre mu Burundi mu bikorwa rifasha. Uwaserukiye Leta nawe muri ivyo birori yavuze ko Leta y’Uburundi itazigera ihagarika ugufashanya gusanzwe kuhari hagati ya Leta n’ishengero rya Methodiste Libre. Umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Butore Joseph, akaba yasavye abakristu kwubaha n’ukwumvira umwungere wabo mushasha.

Mu kurangiza, abari ngaho, ku bwumunezero bari bafise, bakaba baragabiye inka zitatu musenyeri mushasha, ikimenyetso c’ukumwereka ko abakristu bamwakiriye neza kandi ko bamunezererewe. Eka ndetse n’abasenyeri bagenzi we bakaba baremeye kumuhora hagufi mu kumufasha mu bikorwa vyiwe vy’ukuragira intama z’Imana.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.