IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Ishengero ry’aba Emanweri ryo mu kinyovu ryaratunganije igikorane (...)

Ishengero ry’aba Emanweri ryo mu kinyovu ryaratunganije igikorane c’abana

lundi 24 Kigarama 2012

Kuri uyu wagatandatu kw’igenekerezo rya 22 kigarama 2012 ,Urunani rw’amashengero y’aba emanweri mu U Burundi rwarateguve igikorane c’abana kw’ishengero ryabo riri kumusozi wa kinyovu muri Bujumbura rural muri komine Isare muri zone ya nyambuve kikaba cari gifise intumbero dusanga mu butumwa bwiza bwa Mariko 18;16 havuga ngo:Mureke abana bato baze aho ndi kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwo abameze nk’abo.

Nkuko twabibonye igihe twahashika, ico gikorane catanguye igihe c’ isaha zine zo mugitondo catanguye abana bagize akarashishi hamwe n’urugendo bavuye nko ku kirometero kimwe ugereranije naho ishengero riri. Bagenda baririmba uturirimbo tujane n’umunsi mukuru w’ivuka ry’umukiza eka mbere vyari biryoheye amaso cane kubona abana umubare barenga amajana abiri na mirongo ine bari ku mirongo bagendera hamwe kandi biboneka ko babiteguye neza.Inyuma y’urwo rugendo n’iyo karashishi ku kibuga c’iryo shengero abana batamvye indirimbo z’Imana ziri mu mudiho w’ikirundi mbere bikaba vyaranezereje abari ngaho .

Ivyo birangiye ibikorwa vyabandanirije mw’ishengero aho hakurikiye umwanya wo kwiyegereza abashitsi,inyuma yaho imirwi itandukanye y’abana ikaba yaciye iririmba.Hakurikiye igikorwa caho abana bahawe umwanya wo kuvuga imirongo bafashe mu bwenge. Ico gikorwa caratangaje abari bitavye ico gikorane kuko aho wasanga umwana umwe avuze imirongo irenga mirongo itatu kandi mubitabo bitandukanye kandi akaba atawahuje n’uwundi imirongo mubana nka mirongo itatu baronse umwanya wo kuvuga.

Inyuma yaho abana bakinye agakino keza cane kajanye n’intumbero y’igikorane kuko kari gafise umutwe uvuga ngo: Muvyeyi reka abana bato basange yesu kuko arabakunda cane kandi n’ubwami bw’Imana nubwo abameze nkabo.Ako gakino karangiye gatumye abavyeyi bamwe bihana kuko bari batsinzwe.

Mu kurangiza ico gikorane ,umurongozi w’ishengero yarashimiye abitavye ico gikorane bose aboneraho no gutanga udushimwe dutandukanye ku bana bishuye neza ibibazo babajijwe.


Sengurebe Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.