IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Smart > Smart yatanze imfashanyo y’umwizero kuri ba ntahonikora

Smart yatanze imfashanyo y’umwizero kuri ba ntahonikora

lundi 22 Kigarama 2014

Ishirahamwe ry’itumatumanako amakuru Smart ryatanze imfashanyo ku banyagihugu bahoze mw’ikambi y’ahitwa ku “Mase”. Imfashanyo yitiriwe umunezero no kwipfurizanya umunsi mukuru wa Noel hamwe no kwibutsa Reta aho yasize abo banyagihugu.

JPEG - 39.2 ko
Nkurunziza Olis Augustin

Ku muhingamo w’igenekerezo rya 19 Kigarama, Ishirahamwe “Smart” ryarashize mu ngiro zimwe mu ntumbero z’aryo zo kugarukira kuri ba ntahonikora. Muri iyo ntumbero, abakozi ba Smart bari kumwe na bamwe mu barongozi b’ishirahamwe bagendeye imiryango igera ku 275 irimwo abantu bagera ku majana umunani iba mw’ikambi yo mu “Carama” irimwo imiryango yahoze ahitwa ku “Mase”. Bagiye bitwaje igikemanyi kirimwo imfashanyo zitandukanye zirimwo ivyankenerwa vya minsi yose mu muryango.
Nkurunziza Olis Augustin yafashe ijambo avuga ko ishirahamwe “smart” ryipfuje ko imiryango iba muri iyo kambi ya Carama yorangiza umwaka ifise umwizero ko hari abantu babiyumvirako, ikindi Smart yashatse kwibutsa Reta aho yasize abo banyagihugu. Yongera kandi avuga ko imfashanyo bazanye atari iyo kubamara ubukene imyaka yose, ariko kubafasha guhimbaza mu munezero n’umwizero iminsi mikuru irangiza umwaka w’2014.

Imfashanyo yatanzwe n’ishirahamwe “Smart” igizwe n’itoni n’ibiro amajana atatu y’ibiharage (1tone 300kg de Haricots) hamwe n’itoni n’ibiro amajana atatu vy’umuceri(1 Tone 300kg de Riz), uburengeti 150, impuzu zatanzwe n’abakozi ba Smart n’izindi zatanzwe n’ishirahmwe Smart hamwe n’imashini zibarira 5 (machines à coudre) zizokora mw’ikambi yose (site de Carama). Augustin Nkurunziza yamenyesheje ko izo mashini zizofasha kwigisha abandi kubarira, ikindi nyamukuru n’uko izo mashini zizofasha mu kwikenura, abazihawe nabo bakazofasha abandi. Abagore batatu n’abagabo 2 nibo bashikirijwe izo mashini.

JPEG - 41.4 ko
Uwaserukiye abanyagihugu bo muri "site Carama"

Uwaserukiye abanyangihugu bo muri "site ya Camara” yarashimye umutima w’urukundo no gufashanya watumye “Smart “ibiyumvirako, eka n’abandi banyagihugu barashimye imfashanyo n’ukuntu yatanzwe ata karenganyo kagiyemwo, bagasaba ko n’abandi ko bogira nka Smart.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.