Accueil > Ubuhinga bwa none > Smart > SMART : Ku mafaranga amajana 900 (Fbu) uronka ama inite y’18000 (...)
SMART : Ku mafaranga amajana 900 (Fbu) uronka ama inite y’18000 (Fbu)
jeudi 20 Munyonyo 2014
Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru "Smart" rifise uruhara nta ngere mw’iterambere ry’ibihugu vyo mu karere rikoreramwo. Iryo shirahamwe rikaba rifise imigambi yo gukwiza umuhora(reseaux) wa Smart mu duce dukeyi twari dusigaye.

Mu kiganiro abarongoye Smart bagiranye n’abamenyeshamakuru, bamenyesha ko ishirahamwe SMART Let’s Talk rifise umuhora wa "Smart"ryaje mu Burundi kuva mu mwaka w’i 2007, intumbero yari kwagura uburyo bwo gutumatumanako amakuru no guterera mw’iterambere ry’igihugu muri rusangi. Muri iyo ntumbero nyene,yo guterera mw’itera mbere no kurwanya ubushomeri, ibisata bitari bike vyarashizweho na Smart, aha tuvuga nk’ama banki ( Banque), ryarashizeho amazu ashumbusha abahuye n’ivyago(Assurances), mu mashuri ( abanyeshuri biga muri kaminuza b’abarundi n’abo mu karere Smart ikoreremwo barahabwa uruhusha rwo kunonosora ivyigwa).
Umuhora wa "Smart"urafasha cane abanyagihugu mu guhanahana amakuru kubera ibiciro bitavuna. Ivyo babivuga bafatiye ku burusho bushika n’ibice ijana kw’ijana vy’abakoresha uwo muhora bahabwa mu gihe bashizemwo ikarata ya "Smart". Si ivyo gusa, kuva muri Myandagaro umwaka w’i 2014, ishirahamwe "Smart"ryarumvise akamo k’abanywanyi basaba ishirwaho ry’umuhora wa "Internet", ari naho hashirwaho "Internet"ingana ivyo bita "3G"ari nayo yaciye iba iya mbere mu Burundi.
Naho biri uko, hari intara zimwe zimwe uwo muhora udashikamwo, kuri ico kibazo, uwo muyobozi yishurako ata mezi abiri asigaye kugira igihugu cose kironka uwo muhora. Umwaka w’i 2015 uzotangura umunyagihugu wese aho azoba ari azoshikirwa na Smart. Umuhora wa Smart rero ukaba witeguriye guterera mu matora yo mu mwaka w’2015 mu Burundi kugira aze agende neza, nk’uko bivugwa n’umukuru w’uyo muhora mu karere k’Afrika y’Ubuseruko.
Mwomenya ko umuhora wa "Smart" ugiye kwagura imihora aho ugiye gukorera mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bizokwiyongera ku Burundi, Uganda na Tanzaniya. Muri ivyo bihugu isanzwe ikoreramwo, ikarata simu ikoreshwa hose.
- Bhupendra Bhandari arongoye Smart mu Burundi ari kumwe n’uwuyirongoye muri EAC





Cherif Nkeshimana
Messages
21 Munyonyo 2014, 05:34, par Murukaramu
SMART konumva igomba kudutezimbere biboneka! Ariko jewe ndashaka kubibariza kandindifuza uwariwewese yobashoboyekugira icoyonyishura ahawikaze kukumfasha ambwire icontashoboye kumenya wewezi, Mbegankumuntu agize computer yomunzu itari laptop yoyikoresha gute akoresheje iyo SMART mukugiraronke internet? niyaba bitokunda kuri compuetr yomunzu (topdesk computer) kuri laptop computer vyokunda? ivyondabibajije kubera mfise umugenzi ashka kumfashisha computer ariko nkabantabona ahonofatira internet ahomperereye, uwogira icafasha mukwandikandahanyene yobangiriyeneza gose.
21 Munyonyo 2014, 09:57, par yusuf
rindira gato bayagwize bazoca batuma nama unites bavuga ko bababaha ava kubatelefona bari hanze y,igihugu biba iminuta aho nukahagabira bye.
30 Ruheshi 2016, 21:04, par sosthen
smart kandi ikindikintushaka kubamenYESHA NTI FATA MUMISOZI MURAKWIYEKUBIRABA