Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iyarara rigira rihebe ribomore - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Iyarara rigira rihebe ribomore

Iyarara rigira rihebe ribomore

mardi 20 Myandagaro 2013

Abahoze badandariza ibintu mw’isoko nkuru ya Bujumbura baratakambira abajejwe isuku mu gisagara ca Bujumbura, ko bobafasha mu kubakura iyarara ryandagaye iruhande yaho basanzwe bandandariza, iryo naryo rikaba rihazanwa n’abafise uburaro butandukanye buri mu gisagara ca Bujumbura co kimwe n’ingo z’abantu batandukanye.

Hafi gato y’aho abategerera imiduga ija mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura bahagarara, nko ku metero 40 gusa z’ibanki Ecobank, hari abantu batandukanye bahoze badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura ubu baciye baba baraja iruhande y’ibarabara mu gihe barindiriye ko isoko bari bemerewe ko igiye kwubakwa mu mezi abiri gusa, iarangira.

Emmanuel Bizimana avuga ko baroye kwa Siyoni, baraja mu Kamenge, aho hose basanga ntaco bunguka, uravye n’uko barinda kwiyunguruza n’imiduga. N’agatahe bavuga ko bari baratwayeyo ubu ngo karahomvye kose, ahubwo bariko barasaba imfashanyo ku bhobafasha. Ubu rero ikibateye impungenge ni iryo yarara badandaza naryo riri inyuma yabo, kandi batagira n’aho borihungira. Emmanuel Bizimana asaba Leta kuvira hasi ico kibazo, kuko naho bariko barijukira gutuza indwara ya kolera mu gihugu, bizogorana kuyituza burundu na rirya ahahurira abantu benshi nk’ahahora isoko ya kera, handagaye iyarara ritandukanye.

Iruhande y’iryo yarara kandi, hari abakenyezi bariko barahonkereza abana babo. Lea Bizimana avuga ko umwana wiwe akunda gufatwa n’indwara zo gucibwamwo, kandi akaba yibaza ko izo ndwara zoba ziva cane cane ku mwanda utandukanye uri inyuma yabo, aho amasazi aguma abakorera ku bana.Uyo mukenyezi nawe nyene avuga ko Leta ataco ikoze mu maguru masha, ingorane zozo zikiriho, kandi zishobora n’ugukomera, mu gihe kolera ubu iri mu makaratiye y’abantu basanzwe, ariko ko n’abatunzi baba heza mu minsi bashobora kuyandurira mu gisagara hagati bivuye kuri nya yarara rigizwe n’umucafu utandukanye. Ndetse ngo hari n’abahora bahata amazirantoke atekeye mu tumwanya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.