Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Iyarara riri hafi y’isoko ya Jabe ntiryankwa na bose
Iyarara riri hafi y’isoko ya Jabe ntiryankwa na bose
mercredi 15 Nzero 2014
Abadandariza iruhande y’isoko yo kw’i Jabe, bavuga ko umunuko hamwe n’amazi atemba ava mw’iyarara rirunze iruhande y’ibarabara riva mu Bwiza ryinjira muri iyo soko rizobakwegera indwara zivuye ku mwanda, eka hamwe n’iz’uguhema nabi.
Ushitse iruhande y’iyo soko, umunuko udasanzwe akaba ariwo ukwakira. Hafi y’amazi atemba ava mw’iyarara, uhasanga umugabo yotsa ibigori yipfutse umutaka, hirya yiwe gato, haba hari abagore batonze umurongo, bariko baradandaza ibintu bitandukanye vy’ibifungurwa, harimwo amatomati, imboga zirengarenga, indagara, imdoka zirindiriye abaja mu gisagara ca Bujumbura, n’ibindi. Ushitse ahari iryo yarara naryo, haba hari abandi bagabo bariko barashona ibirato, abariko baroza amacupa batoye aho mw’iyarara, n’abandi bariko barayaga.
Hari n’abandi ubona bari hafi y’iryo yarara bariko barihereza ibifungurwa, abandi bacanye umuriro, bariko barotsa ibijumbu, ibigori mu kiyigira kiri hafi y’iryo yarara. Hagize uwuzana umufuko urimwo iyarara, bose bahagurukira rimwe, bakagenda bariruka kuraba ibirimwo. Hari abasangamwo imishire y’impuzu, ibirato vyaheze, amacupa, amasaho yaheze y’abagore, ariko ivyo vyose bagaca baja kubidandaza, ari ukwo babanje kubigira neza, nk’uko Karenzo Yahaya yabitubariye.
Iryo yarara rero naho bamwe baryanka, abandi bavuga ko ribatunze. Iminsi itatu rihamara, bavuga ko baba bamaze gutoramwo ibitari bike, ivyo navyo bagaheza bakabishora, bakabikuramwo udufaranga tubatunga, bigatuma bataja kwirirwa barayerera mw’ibarabara basabiririza, canke ngo baje kwiba.
Abo banyagihugu bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE ko iryo yarara riva mu mihana iri mu Bwiza na Jabe, irindi naryo rikava mw’isoko ya Jabe. Bavuga ko iyo rihamaze iminsi itatu, imiduga ya SETEMU iza kuritora, ariko kandi batumenyesheje ko hari naho bishika rikahamara iyinga. Abadandaza bakaba bavuga ko umunuko waryo uri mukubatuma bomoka, mu gihe hari n’abazana abana babo bato kuko bataba bari bubasige muhira bonyene.
Aristide Nizigire