Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Kayanza : Abayoboke ba Zebiya Ngendakumana babujijwe gushika i (...)
Kayanza : Abayoboke ba Zebiya Ngendakumana babujijwe gushika i Businde
mercredi 30 Mukakaro 2014
Mu gihe bigaragara ko ikibanza abayoboke ba Zebiya Ngendakumana bahora basengeramwo bigoye kugishikamwo ubu, abayoboke biwe bo ntibaheba, aho baguma bagerageza kuhashika, naho bazi ko igiporisi kitabemerera.

Inyuma y’aho ico kibanza cugariwe, ko atamuyoboke w’uyo mwigeme azosubira kuhasengera, biraboneka ko buri ukwezi abayoboka Zebiya Ngendakumana bagerageza gushaka gushika i Businde, muri komine ya Gahombo intara ya Kayanza. Abayoboke b’uyo mwigeme avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya bagera ku majana atanu, bakaba aribo basubijwe inyuma kuri uyu wa 28 Mukakaro, uyu mwaka. Bikavugwa ko bamwe n’ubu boba batarataha, aho boba bakiri mu misozi imwe y’intara ya Kayanza, inyuma yaho birukaniwe n’igiporisi, basabwe gusubira mu ntara baje bavamwo.
Mukamenya ko abo bayoboke ba Zebiya Ngendakumana babujijwe gushika aho i Businde bakiri ku birometero bitatu. Benshi bakaba bari bagizwe n’abana b’imyaka cumi n’itanu gushika kuri 20. Abo bayoboke ba Zebiya rero, bakaba bava mu ntara za NGOZI ; KAYANZA; MUYINGA ; BUJUMBURA ; KIRUNDO ; GITEGA na MURAMVYA.

Aristide Nizigire
Messages
2 Myandagaro 2014, 19:17, par mukobwajana
REKA KUZIMIRA MURI ABAFISE UBWENGE ,AKAZI MUHEVYE UBWO NTIMWAROZWE KUKI IVYO MU BANTU GA YEMWE,,NIMBA UWO MU PAYSANNE ABAROGA MURAGABE,,///ARIKO ABONZI NKA LOUISE ,ROSE NA PACIS MWARAROZWE MUHEBE IMIRYANGO NAKAZI NTA SONI
29 Gitugutu 2014, 09:37, par Eric minani
ABANTU BUBU SINZI BAMWE UKO NOBAGERERANYA! TURI MUBIHE VYA NYUMA PE! NUWAMENYE IMANA VYUKURI YOKWIRIRWA ARIRUKA INYUMA Y’UMUNTU NKAWE GUTE? YEZU ATI: BAZOVUGA NGO NGURIYA NTIMUZE MUJEYO.BE MUSOMA IVYANDITSWE VYERANDA MUSIGUZE NEZA MUHEZE MURABE IBIHE TURIMWO,HANYUMA MUTEGERE.UMUKAMA AZOHAVA ASANGA BAMWE BAKIRIKO BARIRUKA INYUMA YA ZEBIYA ABURE AHO ABASANGA, AHO YARABAZI ASANGE BARATAYE IKIBANZA.GARUKE KUMUKAMA MUGIHE MUGIFISE AKANYA BAVUKANYI!
17 Ntwarante 2015, 18:28, par Ndagijimana fabrice
Nahinduke yi hane kuko iwabo nyanvura igwa kubera yazanye amashetani?
27 Ruheshi 2017, 13:22, par Jame
zebia Nibamureke Yisengere Twese Nimana Dusenga