IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Kunuka mu kanwa vyoba biva kuki?

Kunuka mu kanwa vyoba biva kuki?

mardi 18 Ruheshi 2013

Kunuka mu kanwa ntibigira uwo vyimiriwe, ashobora kuba uri umwana canke uwukuze. Ababangamirwa kenshi n’abantu bagira isuku gake.
Kunuka mu kanwa biva kuri vyinshi, bishobora kuva ku ndwara kanaka canke kw’isuku rike. Kenshi usanga isuku rike ryo mu kanwa ariryo nkwezi y’uko kunuka mu kanwa. Abafise ingorane zo kunuka mu kanwa, usanga kenshi batamenya ko bafise izo ngorane.

Ibimenyetso bitabesha bituma umuntu agira akomoto kabi mu kanwa ni nk’ibi:

1. Kutiyuguma inyuma yo gufungura

Abantu benshi barihenda mu kwibaza ko kwiyugukura mu kanwa iyo uvyutse bikwiye. Abahinga mu vy’amagara y’abantu, baremeza y’uko kwiyugumura mu gitondo bidakwiye.Ahubwo kwiyugumura igihe cose uhejeje gufungura ari vyo vyankenerwa cane, kuko inyuma yo gufungura, harasigara indya ku menyo zitaboneka ari nazo zica zituma mu kanwa haba akamoto katari keza. Iyo hoho umuntu yariye ibisosa, ni vyankenerwa cane ko yoca yiyugumura kuko ibintu bisosa bishobora gutuma n’amenyo abora. Kwiyugumura amenyo gusa ntibikwiye, n’ururimi ni vyiza kurunyukura.

2. Kunuma umwanya muremure

Ivyigaragaza kenshi iyo umuntu avyutse kuko aba yamaze amwanya muremure atavuga, akamoto ntikaba ari keza. Ni ukuvuga y’uko aba yamaze umwanya atakayaga gahita mu kanwa. Bahanura ko umuntu yoca anywa amazi kugira agabanure ako kamoto kabi, canke yiyugumure akivyuka.

3. Ibintu dufungura canke tunywa

Turamaze kwumva ko itabi n’inzoga bifise ingaruka mbi zitari nke. Bimwe mu ngaruka mbi bifise, hariho kunuka mu kanwa, ari naco gituma bahanura uwo wese abinwa, ko yobiheba kubw’ineza yiwe n’ikibano arimwo. Ibindi navyo dufungura bituma haba akamoto katari keza mu kanwa, ni gufungura ibitunguru sumu vyinshi. Ibitunguru sumu ubwavyo ntivyari bibi, kuko mu bushakashatsi bwakozwe kuri vyo, vyagaragaye ko ari vyiza ku magara y’abantu. Ariko kugira umuntu yirinde kugira akamoto kabi mu kanwa, ahejeje kubirya, vyiza n’uguca yiyuguma neza, agafata nk’iminota nk’ibiri ariko ariyugumura.

4. Indwara

Abantu bafise ingorane y’umushishito barakarirwa cane no kunuka mu kanwa. Ivyo bikaba biva ku kuntu uwo mushishito uba ataco waseye, bigaca bituma aguma ashaka kuyogwa, akagira n’iseseme, ari naho aca agira akamoto kabi mu kanwa.
Muri iyo gihe, ni vyiza kwihata gufungura utworoshe tutababaza mu mushihito, waheza ukuyigumura mu menyo no ku rurimi. Ivyo bikaba vyemejwe na muganga Alain Senikies wo mu bitaro vy’i Cochin.

Nk’uko vyatangajwe mu bushakashatsi bwakozwe, ibice bigera kuri 85 kw’ijana z’ingorane zo kunuka mu kanwa biba vyavuye ku menyo, bahanura ko umuntu yokwama yiyugumura igihe cose ahejeje gufungura, agafata n’imiburiburi hagati y’iminota 4 n’itanu ariko ariyugumura atarengeje urugero. Canke akaza aranywa amazi kenshi kuko amazi yoza ibihimba vyose vyo mu mubiri. Uwufise ingorane zo kunuka birengeje, yogura ibazoka itagira isukari akaguma ahekenya kugira agabanye umunuko.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.