IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Liberia : Abarwayi 17 ba Ebola baburiwe irengero

Liberia : Abarwayi 17 ba Ebola baburiwe irengero

lundi 18 Myandagaro 2014

Ikigo cakira abarwayi ba Ebola mu gihugu ca Liberia caraye gitewe n’abagizi ba nabi, abo nabo bigira ko batemera indwara ya Ebola. Abantu 17 mu bari barwariye muri ico kigo kandi bari batowe indwara ya Ebola bakaba batunzwe n’ayo bameze bahunga.

Abo bakoze ico gitero baza baririmba ko ari ukubesha ata Ebola iri muri ico gihugu ca Liberia. Ababonye ivyo bintu bavuga ko abo bagizi ba nabi babanje kumena imiryango y’ico kigo imbere yo guca binjira muri ico kigo, basahura ivyo bahasanze. Kubw’umunyamabanga mukuru w’abakozi bajejwe amagara y’abantu ngaho muri Liberia, Georges Williams, abantu 29 nibo bari bakiriwe muri ico kigo aho bariko bavugwa vy’imfatakibanza indwara ya Ebola imbere y’uko bajanwa mu bitaro kuko ibipimo vyari vyemeje ko bafise iyo ndwara.

Muri abo barwayi, 17 barayanyaze bariruka , 9 muribo baritavye Imana haraheze iminsi itanu, abandi batatu bakaba batwawe ku nguvu n’abavyeyi babo mu kibanza kitaramenyekana. Bamwe mu bavyeyi, abana babo bari muri ico kigo ishavu riraniga kuko gushika ino saha batazi irengero ry’abana babo, ndetse n’abaganga bahora bafasha abo barwayi nabo nyene batunzwe n’ayo bameze.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.