IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Urucanco rushasha rurwanya ubukungwe rwatangujwe

Urucanco rushasha rurwanya ubukungwe rwatangujwe

lundi 16 Munyonyo 2015, par egide

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza SIDA mu Burundi bwatanguje icese urucanco rushasha rukingira abana ingwara y’ubukangwe. Urwo rucanco ruca mu rushinge ruje kwunganira urwahahora ruca mu kanwa.

Urwo rucanco rugira kabiri ruje kwunganira urwahahora, akaba ari mu ntumbero yo gushira mu ngiro imigambi ya Reta yo guteza imbere amagara y’abavyeyi n’ibibondo, hamwe n’ukurandura burundu ingwara y’ubukangwe mu Burundi, nk’uko vyamenyeshejwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yari yateye iteka ibirori vy’ugutanguza urwo rucanco, vyabereye mu ntara ya Muramvya, i Kiganda.

Muri ivyo birori, Denise BUCUMI NKURUNZIZA, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yibukije ko ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida butunganya kabiri mu mwaka indwi zihariwe amagara meza y’abavyeyi n’ibibondo.

Itanguzwa ry’urwo rucanco ryahuriranye n’indwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo, iyo ndwi ikaba itunganywa kubera urugero rw’abavyeyi n’abana bitaba Imana batarakwiza imyaka itanu rukiri runini mu Burundi, ivyo bikaba mu gihe abavyeyi bacandagisha abana ku rugero rushimishije kandi bakitaba amasekeza yo gucandagisha yama atunganywa, ariko abana n’abavyeyi bakabandanya kwitaba Imana ari benshi.

Mw’itohoza ryerekeye amagara y’abantu ryakozwe mu mwaka w’2015, basanze abana bitaba Imana batarashikana umwaka bangana 96 ku gitigiri c’abana igihumbi bavuka bakomeye. Abakenyezi bitaba Imana nabo bangana 500 ku gitigiri c’abana ibihumbi ijana baba bavutse bakomeye. Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bamenyesha ko urwo rucanco ruje gufasha abana kwongereza abasoda b’umubiri kugira bikingire umugera w’ubukangwe.

Mw’ijambo yashikirije, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yasavye abavyeyi ko umwana wese ageze kuronka urwo rucanco yoruronswa, kuko ingwara y’ubukangwe yandukira cane, ikamugaza, kandi ikica.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.