Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muhanga : Abantu 11 nibo bamaze kurimbwa n’imbwa zisara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Muhanga : Abantu 11 nibo bamaze kurimbwa n’imbwa zisara

Muhanga : Abantu 11 nibo bamaze kurimbwa n’imbwa zisara

vendredi 24 Gitugutu 2014

Imbwa zisara mu ntara ya Kayanza ku musozi wa komine Muhanga zimaze kurya abantu bagera kuri 11 mu minsi ibiri gusa.

Abo bantu bose bariwe n’izo mbwa bakaba ari abo ku musozi umwe w’iyo komine ya Muhanga. Abo bariwe n’izo mbwa zisara kugeza ubu bariko baravurirwa mu bitaro vyo muri komine ya Gahombo. Abanyagihugu bo muri iyo komine bakaba batanguye uruhigi rw’izo mbwa zose zafashwe n’ibisazi. Imwe yonyene iramaze kwicwa ariko n’izindi zikaba ziriko ziraronderwa nk’uko amakuru ava mu ntwaro aho i Muhanga abivuga.

Abanyagihugu rero bagahamagarirwa kwica imbwa zose zimaze gufatwa n’ibisazi, izindi nazo zigikomeye zigacancwa, ku neza y’amagara y’izo ntozo hamwe n’ayabanyagihugu. Abanyagihugu b’i Muhanga bakaba basaba abajejwe intwaro n’umutekano kubafasha mu ruhigi rw’izo zimaze kwandura indwara y’ibisazi, kuko ubwoba bwatekeye abanyagihugu na cane cane abana baja ku mashure.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.