Accueil > Amagara y’abantu > Indwara ya cancer yimonogoje mu kwica abantu
Indwara ya cancer yimonogoje mu kwica abantu
mercredi 3 Mukakaro 2013
N’aho ingwara ya cancer ifata abagabo benshi kurusha abakenyezi, ariko hagati y’ imyaka 30 na 40 abakenyezi nibo usanga bahitanywe n’iyo ndwara.
Ku bw’icigwa giherutse gusohorwa n’ibiro vy’igihugu bijejwe kwiga ibintu vy’ibiharuro vyo mu gihugu c’Ubwongereza, abagabo n’abagore ngo ntibafise amahirwe amwe ku vyerekeye ingwara ya cancer. Atagushidikanya, ku myaka 18 abakobwa n’abahungu usanga bashobora kurwara iyo ndwara ya cancer, kenshi ngo indwara ya cancer ikunda kubafata ku bihimba vyirondoka aho ni abagabo.

Ariko rero ngo iyo myaka iriko iragenda ni ukuvuga hagati ya 30 na 40, abakenyezi bashobora kwandura incuro zibiri ugereranije no ku bagabo. Ingorane ya canceri yo mw’ibere, aho usanga abakenyezi benshi bayigwaye, kenshi usanga ukwo gushobora kwandura ingwara ya canceri ku bakenyezi bari munsi y’imyaka 40 vyagwijwe na kabiri muri iyi myaka 30 iheze uno munsi ku mugore 1 gusa kuri 173 nibo bashobora kurwara indwara ya canceri yo mw’ibere. Ku bagabo hoho, canceri bakunze kugwara ni’yo mu magara, ngaho twumva ko umuntu ashobora gukingirwa kurwara canceri gushika ku myaka 55 gusa. Mbere iyo ni yo myaka abagabo batangura kuba benshi kurusha igitigiri c’abakenyezi, havuye iyo canceri yo mu magara, abagabo barafatwa na canceri y’amahaha, hamwe n’iy’amara.
Ku vyerekeye naho iminsi ushobora kubaho ugendana iyo ndwara, ngo n’’ubu ikiringo ntikingana ku bagabo n’abakenyezi. Ibice vyo kubaho ku bana iyo ndwara ngo n’ibike cane ku bagabo kurusha ku bakenyezi, ngo uravye indwara iyo ari yo yose haba canceri iyo ari yo yose, iryo tandukaniro rikaba rihari ku mpamvu y’uko abakenyezi bakunda kuja kwipimisha hakiri kare kurusha abagabo, bica bituma abagore batangura kuvuza iyo ndwara ya cancer ikiri nto gose.

Floxella Karire
Messages
3 Mukakaro 2013, 08:23, par niyongere frederic
none mubona iyondwara umuntu yoyikingiragute?murakoze.
6 Mukakaro 2013, 04:52, par richard
eeeeeehhhhhhhh ibi biteye ubwoba mugabo,,,, Imana izoturinde cancer kuko iri kwica abantu benshi,,,, uretse ko n’aya mabere asa nabi