IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku > Nyakabiga : Isuku ntakwo ryifashe mu mazu y’uburiro

Nyakabiga : Isuku ntakwo ryifashe mu mazu y’uburiro

vendredi 2 Myandagaro 2013

Naho ingingo zitandukanye ziriko zirafatwa mu gihugu mu ntumbero y’ugukingira abanyagihugu indwara ziva kw’isuku rike, na cane cane indwara ya kolera isa n’iyatse indaro mu gisagara ca Bujumbura mu makaratiye amwe amwe, impinga iracari ndende turavye ukwo amazu y’uburiro, ubunywero butandukanye bwo mu makomine ya Nyakabiga na Bwiza bwifashe.

Mu mazu y’uburiro nka yose yo muri komine ya Nyakabiga, cane cane uburiro buri munsi ya kaminuza y’Uburundi, ntibushemeye ku buryo usanga muri ubwo buriro haduma urusazi, amazi mabi yiretse muri nya buriro tutibagiye ko amasahani, ibiyiko, ibikombe vy’ukunywesha amazi usanga bimwe bisa naho bwagakereye.
Abakorera muri ubwo buriro, baremera ko hariho umwanda, ariko bakaba bamenyesha ko bagiye kwikubita agashi na rirya amasafuriya yuzuye umucafu, amazi mabi usanga ateretse hagati mu nzu y’uburiro. Ikindi ni ukwo ubwo buriro butagira utuzu twa sugumwe.

Muri karatiye ya Nyakabiga rero, usanga abo badandaza izo mfungurwa co kimwe n’abaza gufungura, batagira aho bihagarika, ugasanga barinze gufata urugendo. Akabini kamwe, gasangira inzu zitatu canke zine mu zihakorera urudandazwa. Ikindi ni ukwo umwanda wose uva mu tuzu twa sugumwe uca umanuka hagati mu mw’ikaratiye, ivyo rero bigatuma indwara ya kolera ishobora kuronka aho imenera.

Muri komine Bwiza ho abarongoye iyo komine bazindutse barafata ingingo y’ukwugara bumwe mu bunywero bwarangwa n’isuku rike. Abatugariwe ubu bakaba bari mw’isuku, ndetse kuri aka kagoroba abarongoye bumwe mu bunywero bakaba baguma baja kuraba ukwo muri surwumwe haba hifashe na rirya tumwe mu tubini, wasanga amazirantoke ariyo ashwiragiye aho umuntu yoshira akarenge ngo yihandure.

Abo twayanze mu banyagihugu bo ngaho mu Nyakabiga, bavuga ko ahubwo baramvye, bihweje ukwo aho bafungurira hasa. Bavuga ko bitungiwe n’Imana yo nyene. Nikodemu umutama twasanze aje gufungura, yatumenyesheje ko babuze ayo bacira n’ayo barareka ku gira abajejwe intwaro nabo batebe babone izo ngorane.
Nikodemu akaba yaheraheje avunira akagohe abategetsi bo muri komine ya Nyakabiga ko bataviriye hasi ingorane z’isuku rike rirangwa mu mazu y’uburiro amwe amwe yo muri iyo komine co kimwe n’amabare, umunsi kolera yashitse, izojaniranye haba abari gufata ingingo barinumira, canke abashize agati mu ryinyo. Ati kuneza ya bose rero ni bafate ingingo, bahashe abo bose bigira sindabibazwa mu mugambi wo gutuza kolera mu gisagara ca Bujumbura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.