IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > OMS yatanze ibikoresho vyo kurwanya Ebola mu Burundi

OMS yatanze ibikoresho vyo kurwanya Ebola mu Burundi

mardi 16 Nyakanga 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS ryarashikirije kuri uwu wa mbere ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida mu Burundi, ibikoresho vyo kurwanya ikiza ca korera, hamwe no kwikingira ikiza ca ebola mu gihe cotera mu Burundi.

Nk’uko vyashikirijwe na Jérôme Ndaruhutse, uwaserukiye iryo shirahamwe OMS mu Burundi, ico gikorwa co gutanga ivyo bikoresho gifise intumbero yo gushigikira Reta y’Uburundi mu bijanye n’inzego zijejwe amagara y’abantu, narirya izo nzego zikeneye cane gufashwa kugira zishobore kwikingira mu bijanye n’ibiza n’impanuka zitandukanye.

Uwo yaserukiye OMS akaba yamenyesheje kandi ko ivyo bikoresho bigizwe n’ingunguru 24 zirimwo amaritiro 4800 y’imiti yo gupompa, ivyo gupompesha 100, isarubeti 100, ibirato birinda amazi (botines) 100, ibikingira intoke (gants) 100, ibifuka izuru n’umunwa (cache-nez ou masques) 10 000, n’ivyuma bipima ubushuhe (thermoflash) bitatu.

Ivyo bikoresho vyatwaye amafaranga agera ku bihumbi mirongo itatu na bibiri vy’amadorare y’abanyamerika. Uwo yaserukiye OMS akamenyesha ko ivyo bikoresho bizofasha mu gukingira imiryango indwara ya korera, bikaba bizokoreshwa kandi aho hose hazoba hiketswe ikiza ca ebola. Agasaba kandi ko ivyo bikoresho vyofatwa neza ku nyungu z’abarundi babikeneye.

Umwunganizi w’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, Cloé Ndayikunda, arahumuriza ko ivyo bikoresho bizokoreshwa neza n’ababijejwe muri ubwo bushikiranganji. Agasaba abazobikoresha kubibungabunga.


Nadège Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.