ONUSIDA : Abahitanwa na SIDA bashobora kugabanuka imbere y’umwaka w’2030

Yanditswe na IGIHE
Kuya 1er décembre 2015 saa 11:38
Yasomwe : 9153
0 0

Mu vyirwa vyakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivya SIDA (ONUSIDA), abahinga bavuga ko igitigiri c’abahitanwa n’ikiza ca SIDA kw’isi gishobora kuba cagabanuwe cane imbere y’umwaka w’2030.
Mu gihe isi yose ihimbaza kuri uwu wa mbere Kigarama umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, ishirahamwe mpuzamakungu ONUSIDA rimenyesha ko mu myaka cumi iheze, abahitanwa n’ikiza ca SIDA kw’isi, bagabanutse ku bice 30 kw’ijana. Ivyo bigatuma muri iryo shirahamwe babona ko mu mwaka (...)

Mu vyirwa vyakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivya SIDA (ONUSIDA), abahinga bavuga ko igitigiri c’abahitanwa n’ikiza ca SIDA kw’isi gishobora kuba cagabanuwe cane imbere y’umwaka w’2030.

Mu gihe isi yose ihimbaza kuri uwu wa mbere Kigarama umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, ishirahamwe mpuzamakungu ONUSIDA rimenyesha ko mu myaka cumi iheze, abahitanwa n’ikiza ca SIDA kw’isi, bagabanutse ku bice 30 kw’ijana. Ivyo bigatuma muri iryo shirahamwe babona ko mu mwaka w’2030 ibiharuro bizoba vyagabanuwe cane.

Michel Sibide, umunyamabanga nshingwabikorwa muri ONUSIDA mu nama yabereye i Genève, yamenyesheje ko kugabanura igitigiri c’abahitanwa n’ikiza SIDA kw’isi bishoboka, naho mu mwaka w’2013 hibonekeje ko igitigiri c’abawugenda ciyongeyeko gato.

JPEG - 45.8 ko
Michel Sibide, umunyamabanga nshingwabikorwa muri ONUSIDA

Kugira ihangiro yo kuwugabanya rishoboke, Michel Sibide avuga ko hakenewe ukwitanga kwa buri muntu wese haba mu buryo canke mu kwerekana inguvu mu kurwanya ikiza SIDA. Mu cegeranyo cerekenywe n’abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, igitigiri c’abahitanwa na SIDA, cagabanutse ku muriyoni n’igice mu mwaka umwe, bikavurwa ko ari igabanuka ritari ryigere riboneka kuva mu mwaka w’2005.

Akandi karusho kahabaye mu kurwanya ikiza ca SIDA kw’isi, ni uburyo butangwa buguma bwiyongera ku mwaka ku mwaka. Mu mwaka uheze w’2013 hakaba hatanzwe amafaranga agera ku miriyaridi 19,1 y’amadorari, mu gihe mu mwaka w’1993 yari imiriyaridi 4,6 z’amadorari y’abanyamerika.

Umunyamabanga nshingwabikorwa muri ONUSIDA, Michel SIbide ahamagarira amakungu kurushirizaho kwitanga mu buryo bwose, kuko impinga ikiri ndende kugira ihangiro rishikweko, akavuga ko hakiri imiriyoni 22 z’abagendana umugera wa SIDA batararonka imiti yo gupfupfahaza.


Kumenyekanisha

1
Vénuste 30-12-2015 à 10:00

Uwomugambi Uzo Dushikiratwaramaze Gusinzikazwa Numugera Wa Sida Kuruhanderwanje Mbona Ko Bozana Urworwn Muri Barcelone

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha