Accueil > Amagara y’abantu > Roona Begum ararindiriye kuvurwa
Roona Begum ararindiriye kuvurwa
vendredi 19 Ndamukiza 2013
Umwana muto afise amezi 18 avuka mu gihugu c’Ubuhinde arindiriye gukorwa umutwe,ivyo navyo bikazofata iminsi itarenze 10.
Bizosaba ko umutwe wuyo mwana bawusubiramwo bakawuha inyubako y’iyindi mitwe, nkuko bivurwa na muganga Sandeep Vaishya umuhinga mukuvura izo ndwara wo mu bitaro vyigenga vyitwa Fortis Healthcare.
Roona Begum yavukanye ingorane mu mutwe,akaba yavukanye amazi menshi muri ico gice c’umubiri,iyo ngorane itera ivyimba ry’umutwe,bigaca bitera ingorane ubwonko.Uburinganire bw’uyo mutwe bungana na santimetero 94, n’ukuvuga ko ungana n’imitwe ibiri y’abana bari mu rugero rumwe nawe.Ingorane rero ni uko uyo mwana adashobora guhagarara canke ngo ashobore kwavura.
Uyo mwana afise ibiro bishika kuri 14 ,baragereranya ko igice c’ibiro vyiwe kigizwe n’amazi ari mu mutwe kubera n’umwana muto nkuko bivurwa na muganga Vaishya.
Imbere yuko hatangura igikorwa co kumukora,Umwana yari ameze neza imbere yuko igikorwa gitangura,ariko akanamenyesha kandi ko ari igikorwa kitoroshe kuko uburebure bw’umwana ,buhakwa kungana n’umutwe ,ati bizosaba ubuhinga bukomeye.
Yasiguye kandi ko bategerezwa kuraba urugero rw’amazi umwana afise mu mubiri imbere yuko ayari mumutwe bayasohora.
Roona yavukiye mu muryango ukenye mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’Ubuhinde,kugira avurwe hakara harinze gutangwa intererano ingana n ‘ama dolare 34.000.
Uwatanguje umugambi wo gufasha uwo mwana akaba yitwa Jonas Borchgrevink w’imyaka 22 arikumwe n’umwigeme bigana Nathalie Krantz
Aristide Nizigire