IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Rally 2016 : Umurundi Bukera Valery yatahukanye intsinzi ku munsi ugira (...)

Rally 2016 : Umurundi Bukera Valery yatahukanye intsinzi ku munsi ugira kabiri w’ihiganwa

dimanche 14 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Bukera Valery yatahukanye intsinzi ku munsi wa kabiri w’ihiganwa rya “Rwanda Mountain Gorilla Rally 2016” kuri uwu wa gatandatu, akaba yakoresheje umwanya w’isaha 01:01:56, arusha amasegonda 40 mugenzi we nawe nyene w’Umurundi, ariwe Cantanhede Rudy.

Iryo higanwa ryitabwe n’imodoka 24, imwe ivamwo ku munsi wa mbere waryo ku kibuga citiriwe "Amahoro" kuri uwu wa gatanu, kubera ibibazo vy’ubuhinga. Imiduga 18 yose hamwe niyo yashoboye guheza iryo higanwa.

Muri izo 18, Umurundi Bukera Valery afatanije na Nital Khetia nibo babaye aba mbere mu modoka ya SUBARU IMPREZA RC2/N4, bakurikirwa na Cantanhede Rudy afatanije na Vindevogel Sylvia nabo b’Abarundi mu modoka ya Mitsubishi EVO IV, aho ni mu gihe umunya-Zambia nimero ya kabiri muri Afrika, Muna Singh, ari kumwe na mushiki we Jasmeen Singh babaye aba gatatu mu modoka ya SUBARU IMPREZA RC2/N4 bakoresheje 01:02:29.

Muna Singh ariwe yari yabaye uwa mbere ku munsi wa mbere w’ihiganwa, ndetse n’ejo ku munsi ugira kabiri, akaba yaje imbere ya Don Smith wo muri Kenya, nimero ya mbere mu mahiganwa yose amaze gukinwa muri Afrika, aho afise amanota 79 mu gihe Muna Singh we afise amanota 50.

Ihiganwa rya "Rwanda Mountain Gorilla Rally 2016" risozerwa kuri uwu w’Imana, ahitwa mu Bugesera, ariko uwutahukana iryo higanwa ku mugabane wa Afrika akazomenyekana mw’irushanwa rya Pearl of Africa Uganda Rally rizoba kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Nzero 2017.

Uko abahiganwe kuri uwu wa gatandatu bakurikiranye, imodoka batwaye, hamwe n’imyanya bakoresheje.

- Bukera Valery / Nital Khetia - Subaru Impreza 01:01:56

- Cantanhede Rudy / Vindevogel Sylvia - Mitsubishi EVO IV 01:02:28

- Muna Singh / Jasmeen Singh - Subaru Impreza 01:02:29

- Hassan Alwi / Musa Nsubuga- Subaru Impreza- 01:05:55

- Roshanali Mohamed / Habimana Youssouf- Subaru Impreza 01:09:09

- Gakwaya Jean Claude / Mugabo Jean Claud- Subaru Impreza 01:09:40

- Smith Don / Kaugi Bob- Subaru Impreza 01:11:20

- Sultan Kalula / Fahad Massoud- Subaru Impreza 01:11:35

- Pole Pole Wilbert / Bongole Joseph- Mitsubishi Lancer EVO VIII 01:12:10

- Busuulwa Fred / Kibuuka Mildred- Subaru Impreza 01:13:00


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.