IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Blue Incorporation > Students-Circle, Uburyo bushasha ku banyeshure bwo kumenya amakuru (...)

Students-Circle, Uburyo bushasha ku banyeshure bwo kumenya amakuru y’amakaminuza bigako

vendredi 20 Ruhuhuma 2015, par Jean De Dieu

Ku ncuro ya mbere mu gihugu c’Uburundi, uburyo bushasha butari buhasanzwe bwatangujwe, Ishirahamwe Blueinc. rikora ibijanye n’ubuhinga ngurukana bumenyi ryatanguje uburyo bushasha ku banyeshyuri biga muri za kaminuza, izigenga canke iza Reta.

Abanyeshure biga mu makaminuza baronkejwe amahirwe yo kumenya amakuru yerekeye kaminuza bigako, mu gihe batari hafi yaho basanzwe biga.
"Students-Circle" ni ubuhinga bwo gutanga amakuru ku banyeshure biga ku makaminuza, bakamenya ibiyagwa muri kaminuza bigako umwanya wose, no mu kibanza cose umunyeshure aba arimwo muri uwo mwanya, akoresheje terefone ngendanwa canke umuhora ngurukanabumenye (www.circle.bi).

Ubwo buhinga bufasha cane abanyeshure kumenya nk’ivyigwa bagiye kwiga ku ndwi, canke ibibazo bitegekanijwe ku ndwi, ibibanza bigiramwo, ukuntu abanyeshure boronka ivyigwa bize (les Notes du professeur), amatangazo yo mu makaminuza bigako canke ibirori biteguwe ku mashure yabo. Gutyo, umunyeshure aho aba ari hose, ashobora kumenya ayo makuru yose yo kuri kaminuza yigako atarinze gushika kwishure canke arinde kubaza abagenzi biwe.

Ubwo buhinga bukoreshwa ku materefone ngendanwa ayariyo yose, mugabo bigakorwa ku banyeshure bafise ikarata sim y’umuhora wa Econet.
Umunyeshure akoresha ubwo buhinga, bisabwa ko abanza kwiyandikisha abicishije kuri terefone ngendanwa yiwe, canke akabicisha ku rubuga ngurukana bumenyi rwa "Students-Circle".

Uko wobigenza kugira wiyandakishe hamwe n’ibisabwa

Umunyeshure akeneye kwiyandikisha muri "Students-Circle" abicishije kuri terefone ngendanwa yiwe, yandika mu butumwa (SMS) igitigiri ubusa "0" agasiga ikibanza hanyuma akandika amazina yose yiwe (Nom et Prénom), kaminuza yigako, n’igisata, n’umwaka yigamwo hamwe n’inomero za terefone ngendanwa y’umuhora wa Econet akoresha. Umunyeshure ahejeje kwuzuza iyo myidondoro, aca arungika ubutumwa bwiwe kuri nomero "707".

Ashobora kandi kwiyandikisha abicishije ku rubuga ngurukana bumenyi bwa Students-Circle ari bwo "www.Circle.bi", hanyuma akaraba ahanditse "S’inscrire sur Student-Circle" bisigura “kwiyandikisha muri Student-circle”.

Ibirimwo

Ahejeje kwiyandikisha aca abona amakuru atangwa n‘amakaminuza kuri terefone ngendanwa canke ku rubuga rwa Students-circle (www.circle.bi):

- Urutonde rw’ivyigwa bagiye kwiga ku ndwi (Horaire)

- Ibibanza batigiramwo (salles libres)

- Ibibazo bitegekanijwe ku ndwi (examens et tests)

- Amakuru n’ibivugwa ku ma kaminuza (Actualités académiques)

- Amanota y’umunyeshuri (relévés des notes)

- Amatangazo n’ibirori bitunganijwe ku ma kaminuza (Communiqués et Evénements)

- Ivyerekeye umunyeshure ari muri Student-circle (Profil)

Ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Students-circle, umunyeshure amaze kwiyandikisha arashobora gushirako ibimwerekeye (profil), n’amatangazo yo mw’ishure yigamwo canke ivyo amenyesha, ivyigwa biga, ibitabo bitandukanye bakoresha mw’ishure. Si ivyo gusa, umunyeshure arashobora no gukurako (télécharger) ibitabo bitandukanye (livre de mémoire),canke ivyigwa biga (les cours).

Mwomenya ko ubwo buhinga bwamaze gutangura gukoreshwa ku ma kaminuza atandukanye, yaba aya Reta canke ayabigenga,bukaba bushoboka ku ma terefone ngendanwa ariyo yose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.