Uburundi mu bihugu Abantu batanezerewe n’imibereho yabo

Yanditswe na IGIHE
Kuya 18 mars 2016 saa 08:44
Yasomwe : 16578
0 0

Abantu mu bihugu vyo muri Afrika bitari bike, harimwo Uburundi, Benin, u Rwanda, Gineya, Liberiya, Tanzaniya, Madagascar na Togo nibo bantu ba nyuma kw’isi batanezerewe n’ukuntu babayeho kubw’icegeranyo c’ukungene abantu banezerewe n’ubuzima kw’isi yo mu mwaka w’2016.
Ico cegeranyo caravye amafranga abantu baronka ku giti cabo ku mwaka, ikiringo babaho, igiturire, ukugene bafashwa n’ubwigenge bwabo bw’uguhitamwo ibintu mu buzima nk’ibimenyetso vy’ukunezerwa n’ukuntu babayeho.
Ikiza ca Ebola cihaye (...)

Ikiza ca Ebola cihaye inkumbi mu gihugu ca Liberiya caragize uruhara mu gutuma ico gihugu kiza mu bihugu vya nyuma kw’isi ku kugene abantu batanezerewe n’ukuntu babayeho. Igiturire muri Reta kibandanya kuba intambamyi kw’iterambere ry’akarere ka Afrika.

Danemark nico gihugu kiza ubwa mbere ku rugero abantu banezerewe n’ukugene babayeho. Ico gihugu gikwirikirwa n’Ubusuwisi.

Ibindi bihugu cumi biza imbere y’ibindi ku vyerekeye ukugene abanyagihugu banezewe n’ukugene babayeho ni Iceland, Norvege, Finlande, Canada, Ubuholande, Nouvelle Zelande, Australiya, hamwe na Suede.

Kumenyekanisha

1
Bligiekaze 28-05-2016 à 18:09

Imbere yo kurwana n’uri inyuma y’urugo nukumenya ko iwawe wipanze neza.Abarundi tumare ivyacu I Rwanda baradusize ,kubashikira s’ubu.

2
Sibomana Fanuel 22-03-2016 à 18:07

Ivyabaye Unomusi

3
OKAY 18-03-2016 à 15:56

@Kegis

None nkivyo uvuze wabisomye hanyuma wumva ngo bivuga ngwiki mukirundi ? Abarundi tutemeye ko aritwe twiyononera mugushaka gukoresha inguvu n’ubusuma muri vyose, maze ngo tubihe be (cane cane abo twita ngo n’abategetsi) tuzoguma inyuma kugeza Yesu agarutse. Muzoguma mupfana ubwo bujuju bwanyu !

4
Impamvu 18-03-2016 à 13:50

Muri rusangi ibihugu imibereho y’abantu ari myiza ni mu bihugu vy’aba poroti(protestants). Tugiye kure dusanga ibihugu bakoresha i gifaransa kandi bigwiriyemwo aba gatorika arivyo biri inyuma y’ibindi.

Hari umushakashatsi yavuze ati igihugu ntigishobora kuba francofone et catholique ngo gitere imbere. Iyumvire kuri iki , mwihweze murasanga harimwo ukuri naho hari exceptions. Mwongere mwibaze muti ni kuki ?

5
Kegis 18-03-2016 à 10:13

Iyo raporo SIYO iteye amakenga mugihe tuzi ko u Rwanda ruriko ruratera imbere cane kandi n’ abarundi haraho tuja mu bindi bihugu tukabona ko turi mu bandi.

6
eric 18-03-2016 à 09:45

ahubwo bazovuga ko uburundi nigihugu abantu bose barira uko bavyuse .bambaye ubusa....

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha