IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abavyeyi kwonsa ibibondo

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abavyeyi kwonsa ibibondo

vendredi 30 Munyonyo 2012

U Burundi buracari inyuma mu bijanye no konsa ibibondo dufatiye ku bihugu bigize umuryango wa Afirika yo mu buseruko EAC,ivyo vyerekanywe mu matohoza yakozwe mu 2010 muri ivyo bihugu.Naho biruko, amaberebere ni ngaburo ya mbere y’umwana.

U Burundi bugeze ku bice 69% umuvyeyi yonkeje umwana amezi 6 atakindi kintu yongeyeko .Nayo ngo mu gihe amuhaye ibindi bifungugwa akongera akamuha ibere uburundi buri ku bice 70%. Urugero ushimishije rutangwa n’iishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu ni ibice 85%. Aho ni mugihe ibindi bihugu vya EAC bimaze kurenza ibice 80% mu kwonsa ibibondo.

Muganga Nduwayo Gilbert arongoye umugambi w’igihugu wo kugwanya ingwara zituruka kugufungura nabi ahamagarira abavyeyi bose kwonsa ibibondo vyabo amasaha ya mbere umwana akivuka ngo kuko vyagaragaye ko atari abavyeyi benshi bihutira guha ibere umwana masaha ya mbere.

Kuri ivyo bijanye no kwonsa ikibondo umwana akivuka,naho nyene ibitigiri ngo biracari hasi ugeranije n’ibindi bihugu bigeze vya EAC. Ibiharuro vyerekana ko U Burundi bugeze ku bice 69%vy’abavyeyi bonsa mwanya akivuka.
Muganga Nduwayo Gilbert ahanura abavyeyi konsa abana babo bataravye uko ababanyi babo babikora kuko ahenshi ico cigwa casanze hari abavyeyi bagendera kuvyo abandi bagira mu kutonsa umwana bitwaje ko atamaberebere bafise.

Aho rero Muganga Nduwayo Gilbert yavuzeko ari nkenerwa mu magara y’umwana ko umuvyeyi aha ibere umwana igihe cose arigombeyeko kuko bifasha umwana kugira amagara meza kandi umwana ngo ntaja arafatwa n’indwara izarizo zose. Eka ngo umuvyeyi yonkeje neza ikibondo ciwe uko bikwiye umwana agira igikuriro ciza.

Umuvyeyi ngo yarakwiye kumenyako amaberebere ari ingaburo ya mbere, ati ‘’Ni ntasubirizwa kandi ni kirumara ku buzima bwi’ikibondo’’. Mugusozera muganga Nduwayo Gilbert yavuzeko abavyeyi bose bafise amaberebere ko ari imfungugwa ngirakamaro ku mwana yaba uw’umukene canke umutunzi. Yahanuye ko mu gihe umuvyeyi yonsa atari vyiza kunywa Inzoga ziboreza nki iibiyeri,ikawa,nibindi ati vyiza umuvyeyi yofungura ibintu bigizwe n’imboga kugira aronke amaberebere menshi. gukoresha bimwe ’’bibelon’’ mu kwonsa umwana ngo si vyiza kuko amaberebere aba yataye akanovera mu gihe gushika ku mezi ane umwana aba akeneye amaberebere ya nyina gusa.

Ivyo muganga Nduwayo Gilbert yabimenyesheje mu gihe indwi yokuva itariki25/11/2012 yari hariwe kwonsa ibibondo, ibirori nyamukuru vyo guhimbaza uyo munsi bikaba vyabereye mu ntara ya Bubanza ku bitaro vyo ku mpanda, icivugo catowe ni ‘’Dutahure kahise dutegure kazoza’’.


Mayonga Jean Marie

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.