Accueil > Amagara y’abantu > Ubuyapani bwashikirije ingabire y’ibikoresho vyo kwa muganga ivuriro (...)
Ubuyapani bwashikirije ingabire y’ibikoresho vyo kwa muganga ivuriro ‘’Lumière Pour Tous’’
samedi 21 Ruhuhuma 2015, par
Ibikoresho vyo kwa muganga bitandukanye biciye hafi imiriyoni ijana z’amarundi ni yo ngabire yatanzwe n’ubuserukizi bw’igihugu c’ Ubuyapani hano mu Burundi kw’ivuriro ryitiriwe umuco kuri bose riri muri komine Kinama. Abasanzwe barongoye iryo vuriro hamwe n’abanyagihugu bakaba babikengurutse cane.
- Tomio Sakamoto ariko ashikiriza ingabire Ernest Ndayishimiye aserukira imbere y’amategeko ivuriro’’ Lumiere Pour Tous ’’
Tonio Sakamoto asanzwe ari umuhanuzi mu buserukizi bw’ igihugu c’Ubuyapani hano mu Burundi yishikiye muri komine ya Kinama ku muhingamo wo kuri uno wa gatanu, kugira ashikirize ingabire igizwe n’ibikoresho vyo kwa muganga kw’ ivuriro ‘’Lumière Pour Tous’’, amasezerano y’ iyo ngabire akaba yari yatewe ko igikumu kuwa 28 Nzero uno mwaka. Ivyo bikoresho bikaba bigizwe ni amamashini yo gupima abibungenze , amamashini yo gupima amaraso y’ubwoko butandukanye, akuma ko gushusha abana bavutse batageze, icuma co gupima amahaha ; amafyigo, umutima, icuma gikubura mu nda hamwe n’ibindi vyuma bitandukanye, amamaeza yo kwakira n’ibindi vyose hamwe bikaba biciye amafaranga 69.135 vy’madorari y’Amerika, ni ukuvuga hafi imiriyoni ijana y’amarundi.

Yaba musitanteri w’iyo komine, yaba uwusanzwe aserukira akarere k’ubuvuzi mu karere k’Uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura ,hamwe n’uwusanzwe aserukira imbere y’amategeko iryo vuriro Ernest Ndayishimiye bose bakaba bashimiye cane igihugu c’ Ubuyapani, ku bwabo iyo ngabire ije gutuma abanyagihugu bapfunyirizwa urugendo rwo kuja kwivuza kure,mbere n’amagara yabo abandanye yisununura, bakaba babasavye ku bibungabunga. Mu minsi ya kazoza abasanzwe barongoye iryo vuriro bakaba bifuza kwagura mu gushiraho ibindi bisata bitandukanye mbere bakazoshobora no kwugurura ayandi mavuriro mu bice bitandukanye vy’igisagara.
Tubamenyeshe ko iryo vuriro rimaze imyaka ine rikorera ku mugaragaro, rikaba rifise ibisata bitandukanye.

Floxella Karire