Ubwa mbere muri kahise umutwe w’umuntu uzoterwa ku kindi gihimba c’umubiri

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 20 septembre 2015 saa 08:38
Yasomwe : 30069
0 0

Mu mwaka w’ 2017, abaganga b’abahinga mu kubaga indwara zo mu mutwe Sergio Canavero ava mu gihugu c’Ubutariyano na Ren Xiaoping ava mu Bushinwa, barategekanya guhindurira umutwe umurusiya yitwa Valery Spiridonov, arwaye indwara idakira ifata ku mutsi w’igiti c’umugongo ugahura n’ubwonko.
Abo baganga bamenyesheje ko bagiye guhindura umutwe wa Valery Spiridonov w’imyaka 30, yemeye ko umutwe wiwe ukurwako ugashirwa ku kindi gihimba kubera arwaye indwara ituma umuntu amera nk’uwudafise amagufa. (...)

Mu mwaka w’ 2017, abaganga b’abahinga mu kubaga indwara zo mu mutwe Sergio Canavero ava mu gihugu c’Ubutariyano na Ren Xiaoping ava mu Bushinwa, barategekanya guhindurira umutwe umurusiya yitwa Valery Spiridonov, arwaye indwara idakira ifata ku mutsi w’igiti c’umugongo ugahura n’ubwonko.

Abo baganga bamenyesheje ko bagiye guhindura umutwe wa Valery Spiridonov w’imyaka 30, yemeye ko umutwe wiwe ukurwako ugashirwa ku kindi gihimba kubera arwaye indwara ituma umuntu amera nk’uwudafise amagufa.

Sergio Canavero na Ren Xiaoping bazokorera ico gikorwa muri Kaminuza y’ubuvuzi yitwa Harbin Medical University, iri mu buraruko bw’intara ya Heilongjiang mu gihugu c’Ubushinwa.

Canavero yagize ati : “Ubushinwa bushaka gukora ibi kugira , buzoronke igikombe citiriwe Nobel (Prix Nobel), bufise inyota yo kwerekana ko bufise iterambere n’ubuhinga bwa none mu buvuzi.”

Ku rundi ruhande, ico gikorwa kizotwara amafaranga angana imiliyoni 11 z’amadorare y’abanyamerika mu gihe bazoba babonye igihimba kizojana n’uwo mutwe nkuko bitangazwa n’Ikinyamakuru Uproxx.

Abantu benshi barashaka gutanga bimwe mu bice vy’umubiri wabo, ariko abashaka gutanga igihimba cose ni bake.

Biramutse bikunze, ico gikorwa kizotwara amasaha 36, kandi iyo izoba ari intambwe ikomeye ubuvuzi buzoba buteye.

Hari abantu batemera ko ivyo bizoshoboka, ariko Canavero yababwiye ko ivyo biyumvira ata bwenge burimwo.

Kumenyekanisha

1
Ndayisenga 31-10-2015 à 20:56

Sha Abobantubagombagupinza ! Imanabagombakumumarirakandiyarasanzweyigwariye

2
JERES 24-09-2015 à 09:21

Ubugarariji, Buzogwira.Ubwenge Bwabeshi Burwire

3
JERES 24-09-2015 à 09:20

Ubugarariji, Buzogwira.Ubwenge Bwabeshi Burwire

4
willy ndayisenga 23-09-2015 à 17:32

ahaaa ! abantu se bagomba bihindure imana ?

5
Scott 21-09-2015 à 20:09

Abantu bazoza bakoresha Esprit atanique namwe ngo imana ib ahezagire ? Reka sha iyo nimitwe yabo bashaka guhuvya abantu mwibuke ibihe turimwo, hataraza abaza bazura abantu canke umugaye bakuvura wama ukira ? Ubu satani yubura ubuhinga kumusi yabonye ko biciye mumasengesho ko benshi babihinyura ubu naho igomba ice mubuvuzi hamwe muca mwibaza ngo niterambere mubuvuzi

6
Scott 21-09-2015 à 20:07

7
Hagabimana eric 20-09-2015 à 23:17

Asha jewe sinobiharirako cane kuko sindumuganga !! Gusa tubirindiranye igishika cishi !! Kandi two ngera dusabira kumana abo baganga imana ize ibashoboze mubikorwa vyabo kuko nibikorwa vyiza vyo gukiza aba rwaye !! Murakoze cane imana ize ibashoboze.

8
kirimwabagabo nestor 20-09-2015 à 15:13

birashika mugabo vyo kwizera bake !

9
Ruyigien 20-09-2015 à 10:42

TRES BON !LA MEDECINE EVOLUE.

10
dusabamahoro isaie 20-09-2015 à 09:44

birame ntangare kweli !!

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha