IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Smart > Umuhora Smart Mobile waronse izina rishasha

Umuhora Smart Mobile waronse izina rishasha

vendredi 21 Ntwarante 2014

Umuhora wo gutumatumanako amakuru Smart Mobile wari umaze iminsi urondera guhindura izina n’uko ryari risanzwe rikora, ryashize ahabona izina rishasha na bimwe bigiye guhinduka. Hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru catanzwe n’abarongozi b’uwo muhora.

Kuva mu mpera z’umwaka w’i 2013, umuhora wari uzwi kw’izina rya Smart Mobile waratanguje uruganda rwo gusaba abanywanyi n’abakunzi bawo kuwutorera irindi zina. Uruganda rwitwa "give us name" bisobanurwa "ntorera izina", amazina agera kuri 7 niyo yari yatanzwe kugira havemwo rimwe rihabwa uwo muhora uje nka mushasha kubera uzanye bishasha.

Kuri uyu munsi w’igenekerezo rya 21 Ntwarante, rya zina ryagiye k’umugaragaro, wa muhora ukundwa na benshi wahora uzwi kw’izina rya SMART MOBILE uno munsi wahindutse SMART ufise icivugo Let’s Talk. Ihinduka ry’izina ryazananye n’ihinduka ngira kamaro kubasanzwe bakoresha uwo muhora eka n’abatahora bawukoresha bagiye kuwuhurumbira.

Smart uje gukorana n’abene gihugu bo mu Burundi n’amakungu cane cane abo mu bihugu biri mu karere ka Afrika y’ubuseruko, ibihugu vya Tanzaniya n’Ubuganda. Ukwo gukorana, n’akarusho kadasanzwe aho uwuri mu Burundi ashobora kuvugana n’uwuri mu Tanzaniya canke mu Buganda ku mahera amwe n’ayo yarasanzwe akoresha mu guhamagara abari mu Burundi ariko kukoresha bose Smart. Umuhora Smart uje gukura inzitizi y’amahera aho uwukoresha uwo muhora aho azoba ari hose ataco azohindura mu guhamagara bagenziwe iyo bari hose ku giciro kimwe.

Igiciro nta menyerewe kije kuruhura abahamagara hagati mugihigu no mu makungu kiri ku mafaranga y’amarundi 75 mu minota 30, (75 Frbu/30min)

Mu mazina yose yari yatanzwe bahisemwo kwita uwo muhora SMART. Itorwa ry’iryo zina si ku gihamana, kuko uwo muhora uje gufasha mw’iterambere ry’igihugu, haba mu micokama, mu kwigisha abana (éducation), amagara y’abantu, gufasha abikorera ivyabo (les entrepreneurs). Ivyo vyose bizoshoboka biciye mu kuyaga nk’uko icivugo LET’S TALK gisigura TUBIVUGE.

Mwomenyako izina rya SMART ryatorewe i Burundi ari naryo rizokoreshwa no mu bindi bihugu iryo uwo muhora ukoreramwo.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.