Accueil > Ubuhinga bwa none > Smart > Umuhora Smart Mobile waronse izina rishasha
Umuhora Smart Mobile waronse izina rishasha
vendredi 21 Ntwarante 2014
Umuhora wo gutumatumanako amakuru Smart Mobile wari umaze iminsi urondera guhindura izina n’uko ryari risanzwe rikora, ryashize ahabona izina rishasha na bimwe bigiye guhinduka. Hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru catanzwe n’abarongozi b’uwo muhora.
Kuva mu mpera z’umwaka w’i 2013, umuhora wari uzwi kw’izina rya Smart Mobile waratanguje uruganda rwo gusaba abanywanyi n’abakunzi bawo kuwutorera irindi zina. Uruganda rwitwa "give us name" bisobanurwa "ntorera izina", amazina agera kuri 7 niyo yari yatanzwe kugira havemwo rimwe rihabwa uwo muhora uje nka mushasha kubera uzanye bishasha.

Kuri uyu munsi w’igenekerezo rya 21 Ntwarante, rya zina ryagiye k’umugaragaro, wa muhora ukundwa na benshi wahora uzwi kw’izina rya SMART MOBILE uno munsi wahindutse SMART ufise icivugo Let’s Talk. Ihinduka ry’izina ryazananye n’ihinduka ngira kamaro kubasanzwe bakoresha uwo muhora eka n’abatahora bawukoresha bagiye kuwuhurumbira.
Smart uje gukorana n’abene gihugu bo mu Burundi n’amakungu cane cane abo mu bihugu biri mu karere ka Afrika y’ubuseruko, ibihugu vya Tanzaniya n’Ubuganda. Ukwo gukorana, n’akarusho kadasanzwe aho uwuri mu Burundi ashobora kuvugana n’uwuri mu Tanzaniya canke mu Buganda ku mahera amwe n’ayo yarasanzwe akoresha mu guhamagara abari mu Burundi ariko kukoresha bose Smart. Umuhora Smart uje gukura inzitizi y’amahera aho uwukoresha uwo muhora aho azoba ari hose ataco azohindura mu guhamagara bagenziwe iyo bari hose ku giciro kimwe.

Igiciro nta menyerewe kije kuruhura abahamagara hagati mugihigu no mu makungu kiri ku mafaranga y’amarundi 75 mu minota 30, (75 Frbu/30min)
Mu mazina yose yari yatanzwe bahisemwo kwita uwo muhora SMART. Itorwa ry’iryo zina si ku gihamana, kuko uwo muhora uje gufasha mw’iterambere ry’igihugu, haba mu micokama, mu kwigisha abana (éducation), amagara y’abantu, gufasha abikorera ivyabo (les entrepreneurs). Ivyo vyose bizoshoboka biciye mu kuyaga nk’uko icivugo LET’S TALK gisigura TUBIVUGE.
Mwomenyako izina rya SMART ryatorewe i Burundi ari naryo rizokoreshwa no mu bindi bihugu iryo uwo muhora ukoreramwo.


Cherif Nkeshimana
Messages
21 Ntwarante 2014, 21:08, par François-Xavier NDARUZANIYE
VYARI VYIZA ARIKO HARI INTARA SMART YARENGANIJE:KARUSI, COMMENT PEUT-ON ALLER TRAVAILLER DANS L’EAC UTARAGIRA COUVERTURE NATIONALE? JEW NDUZE RUGURU NCA NDAYIZIMYA KUK ATA RESEAU. IKINDI NACO NTA INTERNET SMART IFISE SAUF IRYA MSG YA FACEBOOK MAIS NTUJA KURI GOOGLE OU VISITER LES SITES WEB. IL FAUT CORRIGER 2 CHOSES ET NOUS VOUS SOUTENONS.
22 Ntwarante 2014, 09:32, par gahanuzi
nta internet igira nico kibabaje umuhora ukomeye nkuyo urakeneye nka 4G kugira
ugume hejuru yiyindi ahandi ho iyo ni marketing ya fo.
22 Ntwarante 2014, 09:42, par gahutu
nta internet igira!
22 Ntwarante 2014, 14:35, par uhuru africa
hahahah biragoye kwemera niko bama baduhenda , ntibikunda uhamagaye
23 Ntwarante 2014, 09:32, par Bumwe
Nukutubesha baturyosharyosha kuko ushobora guhera matin gushika soir bidakunda.erega nugutangura ubwa mbere umuntu yarirukanga kugura carte ariko bamaze gutangura twaratangaye.
31 Ntwarante 2014, 20:14, par poul
wouah
25 Ndamukiza 2014, 11:23, par bongo
internet irakenewe nayonyene kuko niho tugeze. naho yihaya ntaco irakora kweri itarazana ubuhinga bwa internet.
29 Mukakaro 2014, 17:59, par ibrahim
hahaha...natwe nivyo dushuka twararushe guhindura ama carte sim turarindiriye.
6 Nyakanga 2014, 10:45, par Dismas Ndaruzaniye
Internet yanyu muyitanga gut? je narabuzingene noyironka. nimeroyanje ni 75863073. Mumenyeko hari ahantu henshi nko mugihugu hagati idafata.canke ivyo vyiza mubizaniye abanyagisagara gusa? Tubivuge.
9 Nyakanga 2014, 12:36, par Dismas Ndaruzaniye
Muri internet yanyu yobikora hose ahagera réseau yanyu. kuko ryari natelefonye bambwiye ko mon ari Smart hanyuma ko Nom du Point d’Accès (APN) ari internet ariko vyaranse gukora. None vyifashe gute. Numero yanje ni 75863073.
Hezagirwa.
6 Ruhuhuma 2015, 17:09, par Arlene
bsr turasavye abazany smart mobil mu burundi ko bobanza bakihutira kuyi couvra dans tou le pays donc burundi bwose avant yo kuyitwara hanze yigihugu kuko ntivyumvikana genetwogura sim card tukavugana entr twebwe gusa bo mugisagara hama abagenzi dufis ruguru ntibayikoresh c incomprehensibl...twese ntiturabanyagisagara knd si twese dufise moyen zo kuvoyagea so corrigez vous ham tugaruk abagiye...merci
7 Ruheshi 2015, 11:41, par NDAYISENGA Gérard
smart ndayikunda kand ndashima nivyo mukora ariko harico nashaka ukuntu umuntu ashoboye kugira transfert za bonus canke MB nukuri ndabinyotew .SMART let’s talk
29 Rusama 2016, 22:07, par Mbonyingingo Patrick
Nukuri Smart Nubwo Wateye Imbere Bukebuke Je Ndashima Uko Yitanga Mugufasha Guhamagara Kandi Ndashima Ko Ubu Imaze Gushika Mu Bice Vyinshi Vy Igihugu C Uburundi. Ubu Nashaka Ko Mumpa Akazi Ko Gukwiragiza Ama Carte Sim.
30 Ruheshi 2016, 20:52, par kubwimana sosthen
jew ndashimiye smart iracariyambere mugamura kwiye kuyitwara mumisozi kuko ntihari murakwiye kuyitwara yo
30 Ruheshi 2016, 20:54, par kubwimana sosthen
jew ndashimiye smart iracariyambere mugamura kwiye kuyitwara mumisozi kuko ntihari murakwiye kuyitwara yo
2 Mukakaro 2016, 20:38, par mathe
jew smart ndipfuza kuyijamwo vyogenda gut?
7 Nzero 2017, 12:20, par Niyonsaba Jérémie
Jewe Ndabishima Muga Murabe Mushire Iranteni Mumisozi Kubera Ntama reseaux Turonka Woba Mukoze
7 Nzero 2017, 13:27, par Munezero Salaise
NDARYOHEWE KUBONA IZINA RY’UMUHOR RIHINDUTSE
7 Nzero 2017, 13:35, par Munezero Salaise
ndashima umuhora wakwiragiy haf mugihug ahant hatar hake.mug nashak muyih nabant bomitumb kuk iy ngiy gutembereray nta marezo nigerandonka
8 Nzero 2017, 05:08, par Nsengiyumva Delice
Ndashima Ukungene Muriko Muvyitwaramwo Neza Nagomba Kubasaba Urabona Kuri Carte Sim Mwashizeko Promotion Ya 6 Mois Kandi Mtgasaba Kugira Uronke Uturusho Mwasavye Gushira Ama Unite Meshi Nku Muvuze Mugugira Uronke Uturusho Ushiriko Agakarata Ka Trois_cent Vyokworohera Twebwe Abanyeshure Kubera Abanyenshure Bakoresha Fone Cane Turatuma Mutera Imbere .Muraraba Mugabanye Ama Conditions Hanyuma Duree Ya Promotion Nka Une Annee Murakoze Kandi Murabe Mugabanye Igiciro Ca Carte Sim!