Accueil > Inkino > Amahiganwa > Umunonotsi w’umurundi mu mahiganwa ya Buraya
Umunonotsi w’umurundi mu mahiganwa ya Buraya
mardi 3 Nyakanga 2013
Umunonotsi w’umurundi, Jean Claude Niyonizigiye ubu ari mu gihugu c’Ubufaransa, azoba ari mu mahiganwa ya Buraya azobera mu gihugu c’Ubudagi muri uku kwezi kwa Nyakanga.
Jean Claude Niyonizigiye ni umunonotsi amenyereye amahiganwa. Inyuma yaho atwariye umudari w’umwakaka mu mwaka w’2011 mu kwiruka, ubu naho yiteguriye gutahukana uwundi mudari mu gusiganwa imetero ibihumbi bitanu. Aho ariko aragirira imyimenyerezo ubu, yabariye ikinyamakuru IGIHE ko ariko yitegura neza, kandi ko yumva ameze neza. Ku bijanye n’igituma yatoye kwiruka imetero ibihumbi bitanu mu gihe, avuga ko kuva na kera yamye yiruka nk’ivyo nyene, ari naco gituma kubona aziruka izo metero atakibazo bimuteye.

Twobibutsa ko mu gihugu c’ubufaransa hari izina ryitiriwe uyo munonotsi (Rue Jean Claude Niyonizigiye) mw’i komine iri mu Burengero bushira Hagati y’igihugu c’Ubufaransa, mu karere ka Pays de la Loire, inyuma yaho atahukaniye intsinzi incuro zine zose amahiganwa yaba yateguwe n’ico gisagara. Muri ico gihe, avuga ko yigenjeje neza muri ayo mahiganwa, ku buryo yagize umwanya mwiza, ndetse umwanya hari haheze imyaka 17 atawundi munonotsi uwoshikana, uwo mwanya avuga ko n’ubu agerageza kugira ntumuce mu ryahumye.


Aristide Nizigire
Messages
20 Kigarama 2013, 17:33, par izere josaphat
arashobora kuzotwara umudari kuko abanonotsi bacu baramenyereye amahiganwa jewe ndamukeje kubaageze kuri iyo ntambwe